Accueil > Imibano > Barifatiye ingingo z’ukwo borwanya ugufatwa ku nguvu
Barifatiye ingingo z’ukwo borwanya ugufatwa ku nguvu
lundi 24 Ruheshi 2013
Abakenyezi bo muri Komine ya Rumonge mu ntara ya Bururi, bamenyesha ko n’aho ugufatwa ku nguvu kuriko kuragabanuka muri iyo komine, ingorane zo zitabuze cane cane ku bijanye n’ukwo abagabo bahendesha amafaranga utwigeme tukiri duto maze bakabatwaza inda kandi bagaheza ntibabarongore kuko baba bafise abandi bagore.
Muri iyo komine abakenyezi bavuga ko kugira bo nyene batangure kwikingira ako kabi, bafashe ingingo yo kwama baherekezanya ari babiri canke baremga mu ntumbero yo gufashanya hagize uwuza gufata umwe, uwundi ashobore gutabariza mugenziwe, ivyo rero abo bakenyezi bavuga ko vyabafashije cane na rirya vyari vyagwiriye cane muri iyo komine, ikindi naco abo bakenyezi bavuga ko catumye ugufatwa ku nguvu kugabanuka, ni ukuntu ubutungane buhana ababa bagiriwe n’ico caha. Mu minsi yahera, abo bakenyezi bavuga ko umugabo yashobora gufata ku nguvu umukenyezi, yagira ngo aramwitwariye ugasanga amazeyo akanya gato, ubu rero kuva aho ubutungane butanguriye guhasha abo bagabo biriko biragabanuka muri iyo komine.

Ariko naho biri ukwo, abo bakenyezi bavuga ko ubu hari iyindi ngeso yo guhendesha abana bakiri bato amafaranga maze bagaca babashurashuza, ugasanga babatwaje inda z’ishushu, kandi ntibaheze ngo babashire mu rugo, ugasanga abo bana babatesheje kwiga amashure, bagiye mw’ibarabara. Ubu iyo ngeso ngo niyo yeze aho muri iyo komine. Uwagatandatu ugeze, mu butambiro bwo muri ico gisagara, usanga abana biga mu mashure bashitseyo, ivyo rero abavyeyi bakavuga ko bibagora cane uko bokurikirana indero y’abana babo kuko ubunywero bwuzuye iyo komine, butuma utamenya aho uronderera umwana.
ABavyeyi basaba ko abajejwe umutekano n’intwaro bokora ibishobotse vyose bagatuza iyo ngeso muri iyo komine, canke bakaraba ukwo boza barafata abana baja mu bunywero batarikumwe n’abavyeyi babo, eka ndetse no mu butambiro bakaja barabirukanayo, maze ababajanyeyo nabo bagaheza bagakurikiranwa n’ubutungane.

Aristide Nizigire