Accueil > Amakuru > Ubutungane > Basaba kumenya uwatumye uwabo abuzwa kwivuza kugeza aho asandabira mu (...)
Basaba kumenya uwatumye uwabo abuzwa kwivuza kugeza aho asandabira mu Mpimba
jeudi 13 Ntwarante 2014
Umuryango wa Bienvenue Busuguru, usaba ko ubutungane bwokora, maze abatumye uwabo yankirwa kuvurwa gushika aho asandabira mw’ibohero rikuru rya Mpimba bamenyekane, kandi intahe iheze ibokere.
Busuguru Bienvenue akaba yari yafashwe yagirizwa kuba ari mu babujije ko umurwi CNTB ushira mu ngiro ingingo yo gusohora ku nguvu Nyakabeto Justin mu nzu yari asanzwe abamwo muri komine ya Ngagara, vyavugwa ko yari inzu y’uwahunze mu mwaka w’1972. Biemvenue Busuguru, akaba yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ari naho yasandabiye ku munsi w’ejo igenekerezo rya 12 Ntwarante uwu mwaka.
Abantu isinzi akaba aribo bari baje kumuherekeza, umubabaro ari mwishi. Eka mbere kw’isengero ryitiriwe umweranda Yozefu mu Ngagara ahabereye imisa yo kumusezera, rumwe mu rwaruka rukaba rwari rufise inzandiko, aho basaba ko ubutungane bwokora akazi bujejwe, ababujije Busuguru ko yivuza bagahanwa, bikurikije amategeko yubahiriza agateka ka zina muntu. Ivyo bakabisaba mu gihe abaganga bariko bavura Busuguru ku bitaro Prince Regent Charles bari basavye ko uwo murwayi yobandanya avurirwa kuri ivyo bitaro, ariko abarongoye ibohero rikuru rya Mpimba baca bamusubizayo, ayo naho yaciye asandabira inyuma y’iminsi ine gusa avuye mu bitaro.
Uwaserukiye abapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahaguye uwo munyagihugu wo muri komine ya Ngagara, akavuga ko Busuguru Bienvenue yari intore, abana neza, ndetse akavuga ko n’imbere y’uko yitaba Imana yasavye ko abantu bose boharanira agateka k’abantu, nayo urwaruka rukavira hasi rimwe, rugafasha abagowe batandukanye, harimwo n’abapfungwa.
- Uwaserukiye abapfungiwe mw’ibohero rya Mpimba co kimwe n’aba SCOUT bapfunzwe
Mu muryango wiwe akaba ari umubabaro ntangere, bagatangazwa n’ingene umuntu ashobora kurwara, akaremba, ariko akabuzwa kuvurwa kandi ari mu minwe y’ubutungane. Bamenyesha ko bagiye kwitura sentare, kuko ivyabaye ku wabo, biteye isoni n’agahinda. Bamwe mu bashingamateka batowe mu gisagara ca Bujumbura n’abari muri amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, bakaba bari baje guherekeza Bienvenu Busuguru.
Umuhisi Bienvenue Busuguru akaba yavukiye muri komine ya Ngagara, mu mwaka w’1977. Asize umwana w’umuhungu, afise imyaka 12 y’amavuka.
- Uwaserukiye umuryango wiwe, asanzwe ari nawe yamuburanira
Aristide Nizigire
Messages
13 Ntwarante 2014, 14:09, par bumwe
Barundi tugabe kuko ibiriko biba biteye ubwoba n’agahinda.Ico kibondo kibaye impfuvyi kubera inzigo yakazikira iri mu mitima y’abantu bamwe bamwe.IMANA imwakire
13 Ntwarante 2014, 15:32, par Nwari
Imana ikwakire mugoro yayo umutima warufise wokwanka akarenganyo nikintu udusihiye tutazokwibagirirako niragi ririni udusigiye natwe turakwemereye ko tutazoguhemukira gushika dutsize akareganyanyo muburundi imana iguhagaze
13 Ntwarante 2014, 15:58, par Ndumiwe!!!
Ndumiwe ndumiwe ndabababye ndababaye ndababaye nukuri ntaco mfise numva novuga!! et finalement Nkurumbi Peter,Nduwashetani Edourd,Scorpion ainsi que les DD sont tous des malades mentales!!moi je ne comprend pa s une telle mechancete!!murabe ko nabamwe zanyeshamba ngo naba policiers baherutse kurasa le 08 mars 2014 batazohava bapfira muri nya Mpimba!!mwaba DD mwe muragapfa namwe abana banyu babe ipfuvyi nkico kibondo mbona turabe ko namwe bazokura bibaryohey!!
13 Ntwarante 2014, 17:53, par Muhoza
Jewe ndibaza ni,vyukuri igihugu c’Uburundi kirafisr uwugitwara?Jew mfita amakengakuko igihugu gifita abakirongoye hama ibintu mu Burundi bikaba biriko bigenda ukuraho kugeza aho umuntu agwara akankigwakuvugwa,umuryango ufasha Imbabare ukankigwako uvura abaraswe ku Ngoro y’_Umugambwe UPD biteye agahinda mu gihugu gifise uwukirongora.Nayo umuryango wabuze mwihangane ndetse kuba mwiyumviye kwitura ubutungane nivyiza cane abarundi turi inyuma yanyu abakoze ububi nkubwo bahanwe hakwirikijwe amategeko
13 Ntwarante 2014, 18:16, par sivyubu
jewe ntaco nkivuga narumiwe ubu celapio arahaze kandi araryama umutima uri munda.Mana umwakire abibaza kobatwishe tuzonuma barihenda amase yakera ntagihomurutaro ubu turazi kandi turabona
13 Ntwarante 2014, 19:39, par ntanyungu
abafise uruhara mukumwankira kw’ivuza bahanwe!!!
naho atabutungane buriho.
MANA URADUKIZA ABA BA DD. bagire umutima w’urukundo.
13 Ntwarante 2014, 20:34, par SEKURI
Emwe batutsi benewacu dusangiye igihugu UBURUNDI.nukuri gushimitse,uwomuntu yapfuye birababaje,ariko umwanya mukidibamye mubintu vyabarundi,mwishikirije,mwasahuye,abandi ngo mwaraguze,mukabigura mumanyanga yinkina mico,abapfa baracapfa nukuri pe.nijambo ry,IMANA rivuga riti,IVYIMANA MUBIHE IMANA,IVYA SEZAYI MUBIHE SEZAYI.None ga batutsi gute mwebwe,ubutumwa ntimubwunva??.mukuvyishikiriza mwitwaza ngo nivy,ABAGESERA,INYANKA BURUNDI,BAMURERE,Nibindinibindi,murakubita abahutu baromoka,mubarenza imbibe z,IGIHUGU.abandi baricwa,Ntanuwuzi irengero ryabamwe mubo mwahohoteye.jewe mbabajwe nugwo gwaruka ruza rurisuka muvyo rutazi.abandi bagakwegegwa nabo banyapolitike bigito,kandi bobafise ivyo barondera,bagomba gushikako ariko bakikora kubibondo batavyaye,abavyeyi bakahamburigwa,bakabura ico batuma kandi baribaravyaye nkabandi bavyeyi.GWARUKA nkanje kumbura muhindure ingendo,mureke kujana na BAJA.nitwe dupfa ariko bobo ntawupfamwo,nabana babo bibera hanze,mbere nabagore babo,TANDUKANYA ICATSI NURURO.umuryango wabuze nimwihangane niko bigenda twese niyo tuja,mwigumye nukuri.
13 Ntwarante 2014, 22:19, par abacu bo barihe?
Ntawukwiye gupfa aziz’ubusa ariko se abacu baririwe muma kambi yigisoda guhera 1972 gushika za 2000 bo tuzoronsw’ ibisigarira byabo ngo tubashinguran’agateka kabo nabo nkabantu lyari? Mubarya mwabit’abamenja no nanubu muriko murigir’intama zera mwanka kuva mumitungo mwihaye mumaze kubalya. Iyaba mwar’abantu mwari kubaruka atleast natw’abo basize tukabazikan’agateka kabo,but turaziko mwabariye mudashobora kubaruka. Nimureke no kuzura akaboze mwanka kuduh’ imitungo yacu. Sinishyimiye ukungene FDD irik’irakora mugabo kandi simbona iby’irik’irakora bitandukanye nibyo Uprona yakoze. Byoba byiza mwibutse mwibutse ko abishwe 1972 ababo natwe twifuza kubazikan’agateka kakimuntu mugabo murazi ko mwabariye bidashoboka. So mwunv’inzig’izohera gute mwaratuririy’abantu ntimushake no kudusubiz’imitungo yacu mwihaye????????????
13 Ntwarante 2014, 23:21, par Nayuburundi
Iyo pure crime!!Kandiivyo vyateguwr bifisr imvo!!Shame,pole sana mwana Imana iguhoze amarira ya so!!!!!!!!!
14 Ntwarante 2014, 00:01, par ntacomfise
ndabuze nico novuga kuko birarengeye ubwenge ivyo abo bantu bakora,tubihaye imaa yaturemye niyo izi ico yobakoza!!!
14 Ntwarante 2014, 01:20, par Kirinyota
Imana Rugira vyose imuhe iruhuko ridashira. Abo bakuru nabo bihane kuko bazovyishura tôt ou tard Umukama we ntarenganya.
14 Ntwarante 2014, 20:32, par bosco
abobavuga ngo aba DD abana babo babe inpfuvyi ntaho utandukaniye numusazi ahubwo arakaba inpfuvyi wewe nyene.wamunywarumogiwe.urupfu rwaje wewe worubuza??