Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba Leta kwongereza umutahe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi
Basaba Leta kwongereza umutahe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi
mercredi 16 Gitugutu 2013
Uburundi ni igihugu bivugwa ko gitunzwe ku bice birenga 90 kw’ijana n’uburimyi. Uburimyi akaba ari igisata gituma igihugu gitera imbere mu mice yose harimwo no kurwanya inzara na kigoyi.
Ku matohoza ava mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, kugwiza umwimbu ni kimwe muvyotuma inzara igabanuka mu Burundi. Igisata c’uburimyi mu Burundi ni igisata gikomeye mu butunzi bw’igihugu, giterera ibice biri hagati ya 40 na 56 kw’ijana vy’ivyimburwa vyimburwa hagati mu gihugu na 86 kw’ijana bisohoka hanze nk’ikawa, icayi n’ipampa.
Mu gihe kuri uno munsi, igenekerezo rya 16 Gitugutu kw’isi yose bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe imfungurwa, Uburundi buracaharurwa mu bihugu bifungura nabi kw’isi. Ibitigiri vy’abafungura nabi bikaba biguma vyiyongera, ubu bikaba bigeze ku bice 60 kw’ijana, ibitigiri biri hejuru cane y’ivyo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS ryari ryarashinze kutarenza, arivyo 40 kw’ijana.
Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe ibifungurwa, ni umunsi usanzwe utunganywa n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ibifungurwa n’uburimyi FAO watangujwe mu mwaka w’1979, ukaba uhimbazwa igenekerezo rya 16 Gitugutu uko umwaka utashe, igenekerezo ryatowe uko nyene kuko ari umunsi ishirahamwe FAO ryatanguzwa, aho hari mu mwaka w’1945.
Uno mwaka, igihugu c’Uburundi kikaba cisunzwe icivugo kivuga : "Uburyo burama bwo guteza imbere uburimyi n’ubworozi, guhingura ivyimburwa no gutera imfungurwa ni inshingiro ryo kurwanya inzara hamwe n’ugufungura neza’’.
Kuri uno munsi wa 16 Gitugutu, ikinyamakuru IGIHE kikaba cashimye kuganira n’abanyagihugu ku bijanye n’uno munsi mpuzamakungu wahariwe ibifungurwa.
Patrice Mvuyekure, yaciye mw’ishure, yubatse akagira n’umuryango atunze yagize ati : "Ubuzima bwa kino gihe mu Burundi busigaye ari ubuzima bushobora uwifise gusa. Iyo hageze ivyo gufungura hoho, banyarucari nibo baharwa mu mporero. Nk’akarorero, jewe ndi mu bitwa ko nize kandi nkorera umushara ku kwezi, ariko iyo hageze ikibazo co kugaburira umuryango wanje, ntivyoroha. Ubuzima ku munsi ku munsi buguma buzimba, nuwogize ngo agire afungure neza, ibiciro bimubera ifuro ry’igiti, bigaca bisaba ko umuntu afungura utwo ahambije gusa."
Ku kibazo co gufungura ubwoko bw’imfungurwa butatu (Ndemamubiri, nsanganyangaburo na ntanganguvu) bironka abafise gusa. Patrice Mvuyekure amenyesha ko ingo zitari nke mu gisagara harimwo n’izitwa ko zifise, gufungura ubwoko butatu bw’imfungurwa bitakiri muvyo bashira imbere, kuko ahanini usanga batunze imiryango igizwe n’abantu benshi, bigaca bituma bitaho gusa gufungura vyobahaza, ivya nkenerwa ntibabihe akamaro (imboga n’ivyamwa). "Ni gute umuntu yoja kugura imyembe n’ibindi vyamwa bisanzwe bigurwa amafaranga arenga 3000, hakugura ibiharage n’umuceri vyogaburira umuryango ugahaga ?’’. Ikibazo c’inzara, si ikibazo cadurutse vuba, ni ikibazo cagiye kirashinga imizi gushika naho ico kibazo kiba akayoberabahinga.
Supesioza Irakoze na Niyonkuru Chantal, ni bamwe mu bakenyezi basanzwe badandaza ibifungurwa mbumbarugo, bari mu miryango ibayabaye mu gisagara ca Bujumbura. Bagira bati : "Ikibazo co gufungura neza catunaniye n’aho twitwa ko turi mu bandandaza b’ibifungurwa. "Nka twebwe ivyo tudandaza bidushikira twatangishijwe amatagisi atagira uko angana, twagera kugurisha ntituronke ababitugurira kubw’ibiciro biba vyaduze. Ntiduheza rero turonka n’ayo dutahana gusumira imiryango yacu, abana bacu nabo bagaca banduriramwo n’indwara zivuye ku gufungura nabi.
Haba ku miryango yitwa ko yifise haba ku miryango ibayabaye canke kuyikenye, babona ko inyishu yo gutuza inzara ari uko igisata c’uburimyi n’ubworozi cotezwa imbere. Ikindi naco, Leta yokwongereza umutahe wayo kuyo yari isanzwe ishira muri ico gisata, gutyo ico gisata nicatera imbere, ivyimburwa bizoboneka n’abanyagihugu baharonkere akoyokwe.
Mwokwibuka ko ubu kw’isi yose abafungura nabi bageze ku miriyoni 870 n’Uburundi burimwo. Mu Burundi, umunsi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza ukaba uzohimbazwa ku munsi w’ejo igenekerezo rya 17 Gitugutu 2013, mu ntara ya Ngozi.
Mariella Bukuru