Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
« Basaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gushira mu ngiro ivyo yabemereye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > « Basaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gushira mu ngiro ivyo yabemereye (...)

« Basaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gushira mu ngiro ivyo yabemereye »

vendredi 27 Nyakanga 2013

Mu gihe bari bemerewe ko bagiye kuronka ibibanza vyo kuba baradandarizamwo mu kurindira ko ibibazo vyabo vyirwa, bariko baraburagizwa mw’ibarabara batagira iyo bata umutwe. Abo ni abadandaza b’ivyamwa n’imboga bahora bandandariza hafi y’ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura.

Ku bivurwa ko abo bashwiragijwe boba barabahaye aho badandariza, hafi y’ikibaza ca « Le grenier », ikinyamakuru IGIHE caganiriye na bamwe muri abo bahora badandariza mw’ibarabara, bamenyesha ko ivyo ari « ibinyoma » n’ubu bakiburabuzwa mw’ibarabara. Ntirabampa Marie Goreth asanzwe ari mu badandaza ivyamwa, avuga ko bibabaje kubona abenegihugu baburabuzwa mu gihugu cabo nka ba kavamahanga. Yongeye ati : « Sinumva ukungene aba polisi baguma baducura bufuni na buhoro, kandi igihe nari mu nama y’abaserukira abandi badandaza batobato, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yatubwiye ko ikibazo cacu kiriko kirirwa babe baraturetse ».

Abo badandaza basaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gushira mu ngiro ivyo yabemereye, babaronderere aho baba barakorera kuko abenshi muri bo ariho bakura uburaro n’uburamuko, bagasaba kandi ko ikibazo cabo cokwirwa mu maguru masha kuko gushika ubu imiryango yabo imerewe nabi ubu.

Umwe muri abo badandaza, n’amarira menshi, yamenyesheje ko bibabaje kubona ikibazo cabo abategetsi bariko baragitererana, kandi aho mu budandaji ariho hava amafaranga abatunga, akabatungira n’imiryango, mu gihe benshi muribo ari abapfakazi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.