Accueil > Inkino > basketball > Basketball : Umurwi w’URUNANI wakejwe n’umukuru w’igihugu
Basketball : Umurwi w’URUNANI wakejwe n’umukuru w’igihugu
mercredi 21 Myandagaro 2013
Umurwi w’urukino rw’umupira w’amaboko “URUNANI” wakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abakeza inyuma y’aho utahukaniye igikombe co mw’ihiganwa ryo mu karere ka 5 ubanje gutsinda mu rukino rwa nyuma umurwi Espoir BBC wo mu gihugu c’Urwanda. Mu gihe umurwi URUNANI ariwo uzoca userukira ibihugu cumi vyo mu karere mu nkino z’imirwi yabaye iya mbere muri Afrika, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yemeye kubashigikira haba mu myimenyerezo canke kubaronsa ibindi vya nkenerwa.
Mu nkino z’akarere ka 5, umurwi w’URUNANI yatahukanye itsinzi yabahaye uburenganzira bwo guserukira akarere mu nkino z’imirwi yabaye iya mbere muri Afrika, zizoba mu kwezi kwa Kigarama uyu mwaka turimwo. Pierre Claver Baregeranye, umukuru w’umurwi w’URUNANI yamenyesheje ko bari bamaze indwi mu karuhuko inyuma y’intsinzi, ariko ko vuba cane bagiye gutangura imyimenyerezo y’iryo higanwa ritazoba ryoroshe na gato kuko bahahurira n’imirwi y’ibihangange muri Afrika, mbere mwene iyo mirwi kenshi usanga ifise abakinyi babigize umwuga.
Babifashijwemwo na Leta y’Uburundi, Pierre Claver Baregeranye yamenyesheje ko bazokwitegurira bashimitse iryo higanwa na rirya umukuru w’igihugu yemeye kubafata mu mugongo haba ku mfungurwa zikwiye z’abakinyi canke haba mu ngendo bazogira hagati mu gihugu bagiye kwimenyereza.
- Pierre Claver Baregeranye, umukuru w’umurwi w’umupira w’amaboko "URUNANI"
Pierre Claver Baregeranye yakengurutse intege batewe n’umukuru w’igihugu kw’izina ry’abarundi bose, aca aboneraho n’akaryo ko kwizeza abarundi n’abakunzi b’urukino rw’amaboko ko bazokora ibishoboka vyose kugira bazotahukane ikibanza ciza muri iryo higanwa rizoba inyuma y’amezi ane gusa.
Tubibutse ko butabaye ubwa mbere umurwi w’URUNANI witaba iryo higanwa kuko mu mwaka w’2012 bari bishikiye muri Maroc ahariko hahiganwa imirwi yabaye iya mbere muri Afrika, inyuma yo gutsinda imirwi yo mu karere mw’ihiganwa ryari ryabereye i Dar Es Salaam mu mwaka w’2011.
- Umukuru w’igihugu ari kumwe n’abakinyi b’umurwi w’URUNANI
Egide Nduwimana