Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Basketball : Umurwi w’Urunani watahukanye itsinzi y’ihiganwa ry’akarere ka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Basketball : Umurwi w’Urunani watahukanye itsinzi y’ihiganwa ry’akarere ka (...)

Basketball : Umurwi w’Urunani watahukanye itsinzi y’ihiganwa ry’akarere ka 5

dimanche 11 Myandagaro 2013

Mu rukino rwa nyuma rwo mw’ihiganwa ry’akarere ka 5 ryariko ribera i Bujumbura ku mugoroba w’ejo, umurwi w’Urunani wo mu Burundi watsinze Espoir BBC yo mu Rwanda ku manota 65 kuri 56. Hari mw’ihiganwa ryariko rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo mu karere ka gatanu.

Urukino rugitangura, umurwi wa Espoir niwo wari imbere y’Urunani ku manota 20. Ariko inyuma y’aho, Urunani rwarivyukiranije, rutsinda amanota yikurikiranya, maze abakinyi ba Espoir bacika intege. Urukino rwagiye kugera umurwi w’Urunani uri imbere ku manota 65 kuri 56 ya Espoir.

Mu nkino zo gukuranamwo, Espoir yari yatsinze Urunani, ariko ejo vyagiye guhinduka urunani rubatwara intsinzi. Umumenyereza wa Espoir, Bahufite John yamenyesheje ko vyavuye ku bakinyi biwe batari bakomeye kuko bamwe muribo bari bafise imvune nka Hakizimana Lionel na Muhizi Olivier bari batsinze amanota 28.

JPEG - 23.1 ko
Bamwe mu bakinyi b’Urunani

Ku rutonde rw’ingene imirwi yakurikiranye, ikibanza ca gatatu mu bahungu watahukanywe n’umurwi wa New Star yo mu Burundi, itsinze Warriors yo muri Uganda amanota 84 kuri 61.
Mu bakobwa, Eagle Wings yo muri Kenya yatsinze USIU yo muri Kenya amanota 67 kuri 62. Ikibanza ca gatatu catwawe na KCCA yo muri Uganda itsinze Les Gazelles yo mu Burundi amanota 45 kuri 41.

Mu bahungu, agashimwe k’umurwi wigenjeje neza (Fair Play) katwawe n’umurwi wa Warriors, mu bakobwa naho gatwarwa na Les gazelles.

Umukinyi wo mu bahungu yabonetse nk’uwarushije abandi gukina muri iryo higanwa yabaye Ndikumana Landry, akinira umurwi w’Urunani, mu bakobwa naho yabaye Silale Ishani wo muri Eagle wings.

Ku batsinze amanota menshi, Mugabe Aristide wa Espoir niwe aza imbere mu bahungu, Emma Nyakweba wa USIU nawe akaza imbere mu bakobwa.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.