IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Batanguye ibikorwa vyo kwiga integuro y’itegeko Leta itarabarungikira

Batanguye ibikorwa vyo kwiga integuro y’itegeko Leta itarabarungikira

mardi 8 Gitugutu 2013

Inama nshingamateka y’Uburundi yaratanguye ku munsi w’ejo kuwa mbere ibikorwa vyayo vyo mu kwezi kwa Gitugutu vyitiriwe "kwiga amafaranga Leta izokoresha". Mu gihe Leta itararungikira inama nshingamateka integuro y’iryo tegeko ry’amafaranga Leta izokoresha, inama nshingamateka isaba Leta y’Uburundi ko yoribarungikira vuba kugira bafate umwanya ukwiye wo kuryiga imbere y’uko ryemezwa.

Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ko biteze ko Leta izobarungikira vuba integuro y’itegeko rigenga amafaranga izokoresha kugira abashingamateka bafate umwanya ukwiye wo kuryiga. Ivyo akabishikiriza mu gihe ku rutonde rw’ibizokorwa Leta yabarungikiye, integuro y’ayo mafaranga itarimwo.

Mu bisanzwe, ibwirizwa shingiro, mu ngingo yaryo y’176 riratomora ko inama nshingamateka itegerezwa kuba yashikirijwe mu ntango y’ibikorwa vy’ukwezi kwa Gitugutu, integuro y’itegeko rigenga amafaranga Leta izokoresha mu mwaka ukurikira, ari naco gituma ivyo bikorwa vyitirirwa "Kwiga amafaranga Leta izokoresha"

JPEG - 40.1 ko
Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Mu birori vyabaye ku munsi w’ejo vyo gutanguza ivyo bikorwa vy’abashingamateka, Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka yamenyesheje ko integuro y’amategeko cumi ariyo barungikiwe na Leta kugira yigwe mu mirwi yamaho yo mu nama nshingamateka, imbere y’uko iyo nteguro y’amategeko ishikirizwa mu nama ya bose y’abashingamateka.
Muri ayo mategeko, hakaba harimwo integuro y’itegeko rigenga ugucukura ubutare rizokwigwa, nk’uko abafasha Uburundi babisavye, hamwe n’integuro y’itegeko rigenda ikiringo, igenwa n’itunganwa ry’ibikorwa vy’umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira.

Muri ivyo bikorwa vy’abashingamateka, harategekanijwe kandi kwiga intumbero y’ikoreshwa ry’amafaranga ya Leta mu kiringo c’umwaka w’2014 gushika mu mwaka w’2016 (Document d’orientation budgétaire 2014-2016). Iyo nteguro yari yaramaze gushikirizwa inama nshingamateka, ubu ikaba yarungikiwe sentare y’ubutunzi (Cour des comptes) kugira iryige imbere y’uko rigarukanirwa inama nshingamateka kugira iryige kandi iryemeze muri bikorwa vy’ukwezi kwa Gitugutu vyatanguye ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 7 Gitugutu 2013.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.