Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Batanu mu bakekwa gusasika inganda muri kaminuza ya Garisa bumvirijwe
Batanu mu bakekwa gusasika inganda muri kaminuza ya Garisa bumvirijwe
vendredi 5 Ruheshi 2015
Batanu bakekwa kuba bari mu basasitse inganda muri kaminuza ya Garissa, bumvirijwe n’abacamanza bo mu gihugu ca Kenya.
Ico gitero cahitanye abantu bagera kw’148, mu Buraruko bushira Uburengero bwa Kenya ku wa 2 Ndamukiza, abari mu murwi w’intagondwa w’al shebab bakaba baratunzwe agatoke, kuba bari mu bagandaguye abo banyeshure. Abacamanza bo muri sentare y’i Nairobi, bakaba bagiriza abo batanu bashizwe imbere y’intahe, ko bari bafitaniye imigenderanire na bamwe mu bapfuye bari mu gitero canke abahunze.
Abakekwa gukora ayo marorerwa mu gihugu ca Kenya aribo Mohamed Ali Abikar, Hassan Edin Hassan, Sahal Diriye Hussein, Osman Abdi Dagane na Rashid Charles Mberesero wo mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba baciye baja kuba barashizwe mu mvuto, mu kurindira ko urubanza ruzosasa ku wa 11 Ruheshi, uyu mwaka.
Aristide Nizigire
Messages
5 Ruheshi 2015, 14:43, par ndayizeye renovatt@Email.com
none ivyo vyihebe vyoba vyaremeyeko aribo bakoz ico kibi kibishe kwica abantu binzira karengane nkabo bana b i mana mbegaho baba ciriye urubanza ruk?