Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Batatu bahevye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Batatu bahevye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Batatu bahevye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

samedi 18 Mukakaro 2015

Slyvestre Ntibantunganya,Domisiyano Ndayizeye bahoze ari abakuru b’igihugu na Yohani Minani bamenyesha ko batazokwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu,mu matora ategekanijwe kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015.

Mw’ikete bateyeko umukono kuwa 15 Mukakaro bakarishikiriza umurwi utegura amatora CENI,bamenyesha ko icuka mu bijanye na politike n’umutekano kiri mu Burundi ubu,kidashobora gutuma haba itunganywa ry’amatora yitabwe n’imirwi myinshi.

Abo bahoze barongoye Uburundi harimwo n’indongozi y’umugambwe utavuga rumwe na Reta,bamenyesha ko inzego zizova mu matora ariko aratunganywa zitazogarukana icizere hagati y’abanyagihugu.

Barangiza bamenyesha ko bazokwitaba amatora atunganijwe inyuma y’ibiganiro biriko bihuza abegwa n’ikibazo ca politike bose,kandi atunganijwe mu mahoro no mu muco.


IGIHE

Messages

  • Buzire ndabwirire mbega tudahendanye nka Bgegu uwomurimiro w’IJURWE afit’amajwi angahe nukuri ho nyene kwitwa ko yatway’Uburundi ntavyo twemera n’abantu bapfiriy’ibugendana ngw’ari Président yende uko nibalufute mubakenguzamateka, amase yakera nrahom’urutaro naje kwimb’inanka uwo mubatwaye ntahazwi

  • Ndabashimiye Ntakujamumatora Abarunditurarantibuca Hejuruy’umutekanomuke Nabarundi Barihanze Y’igihugu Kunvozumutekanomuke Amatorayarekere Nkurunziza N’akagwikiwe

  • Vuga Ntabanywanyi Mufise Mwanse Kumaramarira Mugihugu Atamajwi Boronka

  • BARATEVYE BARI BAKIRINDIYE IKI?

  • IHEBERENTI BABA HENDE KUKOBAZI UKOBABITEGUYE

  • JEWE NGIRAMBAZEMWEBWEMURIBATATU MUBONAMUKWIYEKURONGORA IGIHUGU ??.NTIBANTUNGANYA ARIKONKAWE BATEYE AMAVYI UBONA URI UMUGABO MINANI NKAWE UGUGUMWA UBONA UMAZE IKI ?.NUBUHAGIZE IKIBANOKUMVAWAGEZE IBURAYI UBONA UMAZIKI ??.NDAYIZEYE WEWE WABONYEBAGUHAYEGUTWARA INFATAKIBANZA KURIBUYOYA UZINGONUBU NUKO IYOVAYOSUKOBIMEZE CIRIMWO ABAGABO NTIMUKORAKO REKANDABABAZEMURIBATU KAMAFARANGAMUYAFISE NIMUKURIKIZE ICUYUMVIRO CAMUSEVENI MUSHINGE AMAHINGURIROMUDUHE AKAZI MUGABONGOMUSHAKA JEWE NGIRAMBAZEMWEBWEMURIBATATU MUBONAMUKWIYEKURONGORA IGIHUGU ??.NTIBANTUNGANYA ARIKONKAWE BATEYE AMAVYI UBONA URI UMUGABO MINANI NKAWE UGUGUMWA UBONA UMAZE IKI ?.NUBUHAGIZE IKIBANOKUMVAWAGEZE IBURAYI UBONA UMAZIKI ??.NDAYIZEYE WEWE WABONYEBAGUHAYEGUTWARA INFATAKIBANZA KURIBUYOYA UZINGONUBU NUKO IYOVAYOSUKOBIMEZE CIRIMWO ABAGABO NTIMUKORAKO REKANDABABAZEMURIBATU KAMAFARANGAMUYAFISE NIMUKURIKIZE ICUYUMVIRO CAMUSEVENI MUSHINGE AMAHINGURIROMUDUHE AKAZI MUGABONGOMUSHAKA UBUTEGETSI

  • Abo Nabasazi Ninde Yobatora Mbega Yakudeta Irihe?

  • ndabashima,none rwasa wewe kwatamenyeshaho ahagaze.none aba dd,bazohiganwa nabande?nibarindire hagererero kurahira nkurunziza yirahirire!

  • ndabashima,none rwasa wewe kwatamenyeshaho ahagaze.none aba dd,bazohiganwa nabande?nibarindire hagererero kurahira nkurunziza yirahirire!

  • Murakoze cane nta matora azoba kandi ntidushoboye kwemera gutwagwa n umwihevyi yirigwa yambitswe anti barre ipima 25 kg atagishobora nokurenga imbibe zuburundi, ico yomenya coco nuko arigaje imisi mike yukubaho kuko nakare ingero yicaha ngo nurupfu.

  • Mwari mwaratevye,ICO mbonaco nuko abakomoka mwese muri Frodebu mwamaze gusaza mu vya Politique,vyiza mworeka abakiri bato.

  • Ubundi se muri abo ninde wari kugeza 2/100. Baratinye guhiganwa kuko ntabanywani bafise.

  • Ntiba ivyo avuga ni vyo,azoba amatora yo muri 2020,kandi naho muzombwira ntyo bazojamwo ninde azobaha amajwi ata banywanyi bafise?Yabaye perezida par chance en94 ahava nk’umuhimbir,nubu yibaza ko hari uwomuha ijwi,abo bose nta numwe ashaka democracie,botarwa na nde?Co kimwe n’abatutsi,baca batera akajagali ngo tuje mu ma negociation baronke ibibanza mu butegetsi,mama jewe mwanse kuja mu matora cela importe peu ,twebwe ni le 21 ntidusiba,hanyuma murindire 2020.Uyo mutekeno mwitesha,ubu hari abantu batanguye kubona ko imbere y’imigumuko bari babayeho neza,nabandi umunsi umutekano mwawubuze reellement muzobimenya

  • ndabashima genda hahikiri kare kk ahutorâra ntiwohirirwa nashaka kubabaza komwatwayigihugu ic’abarundi bazobibukirako nigiki?namitende ndayizeye nayabandibo nibakinjure baringwizamurongo zubusa

  • Reka turabe iyo bizoja imana niyo dukesha vyose.

  • Mwebwe Ntabanywanyi Mufise Nicogituma Mwavuyemwo.Ariko Rero Birakwiyeko Muvuga Ukuri Ivyo Bintu Mubandanya Murementanya Si Vyiza.Mwame Mwibukako Mwigeze Kuvuga Neza Uburundi Ntiharagerako Mubuvuga Nabi Kuko Nta Sôko Rimwe Ridudubiza Amazi Asosa N’ayarura.Mwirende Gutema Igiti Mukicicayeko.

  • Ewe Bukuru Asmani abakureze nimba bakiriho barasubira munkoranwa baguhe indero ,uwo Ntibantunganya ututse uko uzorinda upfa udashitse aho ashitse ico wewe ushoboye nako karimi ko gutukana gusa ,batama nimukomere

  • NDAMEMERA ARIKE BARABE NEZA KUKO ABA DD IVYO BAKORA VYOSE NUGUHITISHAMWO BAMEZE NKIMODOKA YACITSE AMAFIRE.NIMWIRAMBIRE BATAMA.

  • None ko bagiye kare batagerageje imigisha bihuse baja hehe?canke ho barinda guta umwanya wabo barondera iki? Ewe vyigihugu cacu biragoye nibamureke peta rero yirire umugabo nuwutimbisha mpaka mwisho.Mana uramfasha kubireba akaje ntikazira umwe!!

  • ABOBATAMANIBIRAMBIR TURINYUMAYABO.

  • ABOTWABONA MENGO NIBIHANGANGE IGIHE CA NDADAYE MENGO NDADAYE YARAPFUYE BACABARWARA TOROMA! UMVANAMWE ABAGABO BATATU BOSE BABA FRODEBU NGOBITOREZE KUBABAKURU BIGIHUGU!!! MBE IVYOTWRBWE TUBAZI IGIHE CA NDADAYE MURABIGIRA MUKIBAZA NGOBIRATURYOHERA? MUDUSAZIYENABI. ARIKO ICONOBASABA MWOREKA ABANA NABUZUKURU BANYU KUGUGUMA MUBASHITIRA MUGIHUGUCABO AMAKAMBO YITERABWOBA KUKO IZONTAMBARA MUTATEGUYE MUKIRIMUSI YIMYAKA 50 YAMAVUKA UBUSIHO MWIZIPFURIZA IGIHUGU MUSIGAYE MUKANURIRA MUMINKANYARI YUMUSAZA TURABASAVYE IKIHORWE NIMUDUSAZIRE NEZA IYOMWAKOMEZA KWIFATANEZA UBU AMAKUNGU NIMWEBWE ABARIKO ARIKORAKO NGOMIFASHE, NONEMWACIYE MWIYANDUZA.

  • None abo bagabo ubundi ho ko mbona ataco bamariye igihugu, bagiye basumira inda zabo gusa ; ubundi ho ninde yobatoye ko mbona ataco bigeze batumarira barinze basaza bariko basumirinda zabo. Basimbiye hejuru kuko babona atanuwobatora. Nivyo batubwira je mbona baba bariko baradutesha umwanya. None abantu baraba abapoliticiens hanyuma ibintu bikayondayonda baringaho none iyo politique ni bwoko ki , haheze imyaka irenga mirongo itatu bari muri politique. None uburundi mubona bugeze he ? Abantu bicanye nabo barihe ? Kandi ngo bitwa abaveterant muri politike iyo politike bakoreye abana babarundi ni iyihe. Njanye na nkurunziza hari harageze igihe abantu batangura kuba sociable, transport garanti, amashule, indimo zakijambere. Yabigize mumyaka itanu yonyene kandi igihugu cari caraboze kiboreshwa namacakubiri yamoko. Abo bobo umenga ntibigeze babona iyo uburundi bwari buri. Bishinga kurya bicaye baducishako amamercedès gusa bakatwibagira emwe ndagiye gusansibiriza abantu biwacu ntibazokwigere baha nikimanyu c’ijwi abo bantu. Nibareke bashasha nabo bakore, nayo abo bashaje atanico batumariye ntibazosubire n’ukuvuga. Bavuga iki ko ivyabo twabibonye, mbona ari abantu batitaho abandi. Ewe imana niyo nkuru.

  • Melchied.
    Wewe naho wohisha inzu koyahiye abantu ntibareka kubona umwotsi. Nkurunziza arikwiyamamaza wenyene abandi bagiye kwiyamamaza baca bafatwa aho wovuga ngo nta banwanyi bafise????
    Nibareke abantu biyamamaze urabe ko Nkurunziza atogwa.

  • Nimwanke kuko ivyo Nkurunziza arikwihutisha ntamurundi numwe yovyemera.
    Abanyagihugu namwe muhagarare bwuma kuko babatera ubwoba ngo mudatoye ngo ntakintu urobaza murireta. No

    Abarundi twamye turi bijuju kuko hatabonetse umuntu avuye hanze kuja gushinga amategeko ntitwemera

    Twebwe bikatunanira ukamenga ntabantu bize tugira????

  • Muri abashingantahe b’ijambo ni mumureke akinde agaramye we nyene turabe aho bimushikana n’abiwe batumva impanuro.

  • ndabishimy can nn !!!! aba dd basigay biyunvira nkinzoya kwel!!! bos umengo basigay banwa ibiyayura mutwe !!! ibintu bagir nta logique bashiramwo !!! barya babikira bazobahumire bazopf bangara nkakaini !!!!! ewe nkurunziz n.izombonerakur zaw muzobona rindir gato !!! ngejejengaha mug iz mbones zirahendwa kwel rindir bazopf bangar nkarwaruk rwo murwanda

  • burya abo bagabo bompi uko ari batatu,babona bokwihanga inkona ga yemwe?rindira n’abandi barakuramwo meza.

  • Yasavye,imyaka,itanu,yamahoro muburundi none,imyaka cumi yariyubwicanyi?abafuye barahagije,nagende nabo.ntakuja mumatora nivyitso,igiti ntikigukora mujishokabiri naveko.

  • mureke iyo ntumva yitoze yonyene turabe ico azoshikako.muri abashingantahe pe

  • Ntakuntu Nkurunziza yokwemererwa kwitoza ngohagire uwirirwa arajakumurongo ngobariko barahangana ivyobirazwi. Uburero Nkurunziza akija kubutegetsi mugihekitarambiranye amatwi ansumira DD izocishiraho uwuzokwitoreza ikibanza cumukuru wigihugu muri 2020 kugira hazozekugera abarundi baramaze kumumenyera neza muzotangura kumubona yitaho ibikorwa vyogufatikanya nabenegihugu cane.

  • NTAMA TORA AZOBA MUGABO TURAMENYEREY A JAMWO CNDD HARAHO UMURWI UMWE UJA MUKIBUGA

  • nukurikurivyo. igiti. ntikigukoramumasokabiri. abariagasema. ok.

  • silyvestre aribagiye intwaro zamuteya mazirantoke!! kubona ahumukuruwigihugu arangiza ibiringo vyiwe atembera muntarazose, nitekantangere. jewe rero ndi silyvestre nosh’lmana mugihe azikahise kugihugu. wawundi ati: uwuhetswe neza asohoramaboko!!!

  • Jew ukondabibona niko mubibôna?aboba dd bagomba twimuke duhunge.icogihugu nicabarundi canke nigwiwe.

  • barek bigender amahoro kk ubu tur mur democratie ahumw wese yishir akizana

  • Nivyiza kudata umwanya. ntaco bari banze barabizi. bazoje gutora gusa nayo kwitoza baraziko ataco bokuyemwo.

  • None wewe slyvestre urashaka gusubira kuba president bongere bagutere amazirantoke? Kuki abahutu mwibagira vuba?
    Abarundi dukeneye umutegetsi nka Nkurunziza apana mwebwe mugendera kunyo zabazungu.

  • Uwo Mugabo Ntibantunganya,Ndayizeye Na Minani Baribagiye Akahitiye?Kuwa Mber,baterana Amavyi,ville Morte,kuwa Kabiri,abatutsi Bintagondwa Nibo Bari Bafise Ibintu Muntoke.Minani Aribuka Ingene Uwobagendanye Ndadaye Naba Jules Bimazubute Ingene Vyagenze.Ewe Mwabahutu Mwe Murasaze! Nyenicubahiro Nkurunziza Nagume Kwivora.Uwuvyonze Ntantambwe Amuterana.Nakomere.Iyo Mihimbiri Yabazungu Nabatutsi Bintagondwa Nibateshwe Bate.

  • Ils n’avaient pas de carte a vendre a la population

  • Gende twarabahinyuye basha musambagura frodebu inkonayaribwaze

  • IGITUMA IGIHUGU KIBUR AMAHORO NUKO ABOTWOKWISE ICWABWENGE USANGA ATARIZO

  • ahubw bari batevye erega bari batevy umukino wa politi sugufyina

  • abocgabo bakwiy kumeswa na omo

  • mwes muva muri frodebu basga!?!!?! none mukeney no munkona???muzobaze " ryari?"

  • KUVA MUMATORA SINGORANE KUKO KUJA KURIMA AHO UTAZOKWIMBURA UCA UHEBA.

  • KUVA MUMATORA SINGORANE KUKO KUJA KURIMA AHO UTAZOKWIMBURA UCA UHEBA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.