Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bayern yaraye isubiriye gutwara ikindi gikombe kigira gatatu
Bayern yaraye isubiriye gutwara ikindi gikombe kigira gatatu
dimanche 2 Ruheshi 2013
Inyuma yo gutsinda umurwi wa Stuttbart mu gikombe c’igihugu c’ubudagi ibitsindo bitatu kuri bibiri ku musi w’ejo igenekerezo rya mbere Ruheshi 2013, umurwi wa Bayern waraye witeye iteka mu gutwara ibikombe bitatu wikurikiranya : igikombe co mw’ihiganwa ry’imirwi y’iburaya yabaye iya mbere(League des Champions), ico mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo mu Budagi( Bundesliga) hamwe n’igikombe c’igihugu c’ubudagi(Coupe d’Allemagne).
Hari haheze imisi mike gusa Bayern itwaye igikombe co mw’ihiganwa ryo mu mirwi y’iburaya mu gutsinda umurwi wa Borussia Dortmund ku kibuga ca Wembley, uwo murwi wa Bayern ukaba rero ubaye umurwi w’indwi i Buraya ushoboye kwerekana ubwo buhinga bwo kwikurikiranya izo ntsinzi zitatu mu mahiganwa atandukanye inyuma Celtic Glasgow (1967), Ajax Amsterdam (1972), PSV Eindhoven (1988), Manchester United (1999), Barcelone (2009) na Inter Milan (2010).
Ico gikombe co mu gihugu c’Ubudagi baraye batahukanye kigize ica cumi na gatandatu ku murwi wa Bayern, kikaba carashimishije umumenyereza w’uwo murwi Jupp Heynckes agitwaye ubwa mbere.
Tukaba twobamenyesha ko urwo rukino rw’ejo arirwo rwabaye urwa nyuma kuri uwo mumenyereza Jupp Heynckes kuko hamaze kugenwa Pep Guardiola yahoze amenyereza umurwi wa FC Barcelona ngo amusubirire.
Jupp Heynckes amenyereza umurwi wa Bayern akaba yamenyesheje inyuma y’urwo rukino rw’ejo ko iyo ntsinzi imunezereje cane kandi ko ibaye nk’akaganuke ko gusezera abakunzi ba Bayern.
Egide Nduwimana