Accueil > Amakuru > Mu makungu > BBC igiye kugabanya abakozi barenga 1000
BBC igiye kugabanya abakozi barenga 1000
vendredi 3 Mukakaro 2015
Iradiyo y’abongereza BBC yamenyesheje ko igiye kugabanya abakozi barenga 1000 kubera uruhombop rw’amadolari arenga imiliyoni 200.
BBC yavuze ko abakozi bazogabanywa ari ahanini abakozi bakora mu myuga inyuranye hamwe n’abakora mu buyobozi.
BBCimenyesha kandi ko izogabanya igitigiri c’ubuyobozi bunyuranye muri iyo Radiyo.
BBC ivuga kandi ko mu gihe kiri imbere izoza iraronka amahera make yo gukoresha,ayo nayo azova mu makori atangwa n’abatunze imboneshakure mu ngo zabo.
BBC imenyesha ko igitigiri c’abatunze imboneshakure gitera kigabanuka,kuko basigaye bakoresha telefone ngendanwa n’inyabwonko(ordinateurs).
Messages
3 Mukakaro 2015, 16:37, par NIYONKURU
NONE BAZOCA BAKORA IKI?
3 Mukakaro 2015, 17:45, par Philotere
Abakozi bihagane Imana yari yaberetse aho bashaka umugati bazoroka ahandi
3 Mukakaro 2015, 19:58, par GERARD
Karabaye!!!nuguterereza twebwe abakunda BBC .
4 Mukakaro 2015, 05:02, par Serges
Mbe Ko Bbic. Kwitakivuga Muburundi Mwoba Mwarahagaritse?Emwe Biragoye.Twe Ikarusi Ntituyumva!
4 Mukakaro 2015, 05:12, par Serges
None Mwahereye Guhagarika Muburundi?Ikarusi Kotutakibumva!Ahoho Turahanzwe.Tuzoca Twumiriziki Twe Tutumva Izindindimi!!
4 Mukakaro 2015, 09:35, par joel
eka natwe mucibitoke carugombo ntitukiyumva vyagenze gut?
4 Mukakaro 2015, 11:12, par LOVE
Abakozi mwihangane ibihe turimwo ntivyoroshe
5 Mukakaro 2015, 21:06, par MUTABAZI WILLY
MUBURUNDI NIYOGUSATWAHORATWUMVA NONEBICABIGENDAGUTEKOMWABICIYE?!?