Accueil > Amakuru > u Burundi > BCB yatanze imiliyoni 5 zo gufasha ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya (...)
BCB yatanze imiliyoni 5 zo gufasha ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura
mercredi 6 Ntwarante 2013
Ibanki yo kuguranana y’i Bujumbura BCB yaratanze kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante,isheke y’imiliyoni 5 z’amafaranga y’amarundi ku biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu mu ntumbero yo gushigikira ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Iyo sheke yatanzwe n’icegera c’uwujejwe ubutunzi mw’ibanki BCB,yamenyesheje ko bazogabanya gushika ku bice bibiri kw’ijana ku nyungu ku banywanyi babo bashika 30,bakaba bazobaha amezi atandatu bakora barindiriye ko batangura kuriha amadeni bazoba bafashe.
Umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yakiriye iyo sheke yarashimiye ibanki BCB,kubw’ico gikorwa yarongeye arashimira kandi abamaze guterera mu ntumbero yo gushigikira ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Mugisha Van Naris