Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bedja yipfuza kuba umuserukizi w’umuziki w’Uburundi mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bedja yipfuza kuba umuserukizi w’umuziki w’Uburundi mu Bufaransa

Bedja yipfuza kuba umuserukizi w’umuziki w’Uburundi mu Bufaransa

mardi 26 Myandagaro 2014

Umuririmvyi Bedja ava mu gihugu c’Ubufaransa mw’izinga rya Mayotte amaze gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yamenyesheje ko ashobora kuzova mu Burundi akoranye indirimbo n’abaririmvyi b’Abarundi bazoba bavyipfuza.

JPEG - 49.3 ko
Bedja ari kumwe n’umuyobozi wa radio Culture

Bedja amaze gushika ku kibuga c’i ndege c’i Bujumbura yarishuye ku bibazo vy’abamenyeshamakuru. Ku kibazo c’uko yoshobora gukorana indirimbo n’abaririmvyi b’Abarundi narirya hari abaririmvyi bazomufasha ibiteramo ajemwo, Bedja yishura ko coba ikintu ciza cane kuri we kuko yoheza agasa n’umuserukizi w’umuziki w’Uburundi mu gihugu iwabo. Aremeza kandi ko azi bamwe mu baririmvyi b’Abarundi ariko atibuka neza amazina, bisigura ko umuziki w’Uburundi ushika kure cane, no mu mazinga ubasangayo.

Mwomenya ko uwo muririmvyi mpuzamakungu aje gutanguza umugambi mushasha w’insamirizi y’imicokama aho abaririmvyi bo mu Burundi, bazoshobora kuronswa amahigwe yo kurahura ubumenyi mu makungu.

Tubibutse ko Bedja afise ibiteramo 2, kimwe kizoba kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro kuri Club du Lac Tanganyika. Aho azoba ari kumwe n’umuririmvyikazi Natasha, bukeye kabiri hazoba ari kw’igenekerezo rya 31 aho naho azoba ari mu giteramo mu kigom ndangakaranga "Musee Vivant". Muri ico giteramo, Bedja azofadikanya na Rally Jo, Happy Famba, Black J, na Kook K.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.