IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bemeye gusubira ku mirimo inyuma y’umunsi umwe bahagaritse akazi

Bemeye gusubira ku mirimo inyuma y’umunsi umwe bahagaritse akazi

mardi 19 Munyonyo 2013

Abakozi 260 bakora ku kivuko ca Bujumbura ‘’Global port services‘’ bahurikiye muri sendika SYTRAPO (Syndicat des travailleurs du port de Bujumbura) bahagaritse yegereyegere mu gihe bari bayitanguye ku munsi w’ejo.

Inyuma y’Inama abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura bagiranye n’ababarongoye irongowe n’umutegetsi ajejwe gukurikirana ivy’ubutunzi mu rwego rw’igendereza, bemeye gusubira ku mirimo. Abo bakozi bakaba bari bahagaritse akazi biyamiriza ingingo yo kutabaha ibirarane bafitiwe n’uwahora abakoresha, ishirahamwe ricitwa EPB (Exproitation du Port de Bujumbura. Ernest Mutunge, umukuru wa sendika y’abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura amenyesha ko bari bashaka kwerekana akababaro bafise mu vyerekeye amafaranga y’igice ca gatatu bategerezwa kuba baratangiwe mw’ishirahamwe INSS (Institut National de Sécurité Sociale) ritegekaniriza kazoza abakozi, amafaranga agera ku miriyoni 217, ariko atigeze atangwa.

Babandanya bamenyesha kandi ko vyari vyabananiye kwihanganira ubuyobozi bukuru bw’ikivuko (Autorité Maritime, Portuaire et Ferroviaire : AMPF) bwaretse gushiraho amategeko y’akazi nk’uko ubuyobozi bw’akazi mu Burundi bwari bwabibemereye, umwaka ukaba urangiye atakirakorwa.

Mwomenya ko igituma rero bagondojwe gusubira ku mirimo, ari ukwo ivyo basaba bemerewe ko bagiye kubironswa imbere y’uko umwaka w’2013 urangira.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.