Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ben Carson ashigikiye Trump mu kwitoza kuba prezida
Ben Carson ashigikiye Trump mu kwitoza kuba prezida
samedi 12 Ntwarante 2016, par
Uwahora ahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Amerika, mu mugambwe w’aba republicains, Ben Carson, yemeje ko ashigikiye uwo bahora bahiganwa Donald Trump.
Carson yabivuze mu nama y’abamenyeshamakuru bari kumwe mu gisagara ca Florida, mu gihe Trump ubu ari we aza kw’isonga muri uwo mugambwe imbere y’umusi wa kabiri.
Carson yatanze imihoho mu ndwi iheze inyuma y’aho aburiye abantu benshi bamufata mu mugongo. Abaye uwaharanira ico kibanza agira kabiri avuze ko ashigikiye Trump inyuma y’umukuru w’intara ya New Jersy, Chris Christie.

IGIHE