Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Benin : Umukuru w’igihugu yagabanije ibiringo azotwara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Benin : Umukuru w’igihugu yagabanije ibiringo azotwara

Benin : Umukuru w’igihugu yagabanije ibiringo azotwara

jeudi 7 Ndamukiza 2016, par egide

Umukuru w’igihugu mushasha wa Benin, Patrice Talon yarahiye icese kuri uwu wa gatatu, atangura amabanga yo kurongora igihugu ca Benin. Uguhanahana ubutegetsi aho muri Benin kwabaye mu mahoro.

Umukuru w’igihugu Patrice Talon yabwiye isinzi ry’abantu bari bahari igihe yarahira ko agiye kurwanya ibiturire, iterabwoba hamwe no guteza imbere igihugu mu bijanye n’ubutunzi.

Patrice Talon yemereye abanyagihugu ko agiye gutwara ikiringo kimwe gusa, mu gihe ibwirizwa shingiro rya Benin ryamwemerera gutwara ibiringo bibiri.

JPEG - 24.1 ko
Patrice Talon : Umukuru w’igihugu mushasha wa Benin

Uwo mukuru w’igihugu mushasha yamenyesheje ko kumara imyaka cumi ku butegetsi bishobora gutuma abakuru b’ibihugu bishima, bakavuga ko bakoze ibihambaye, aca avuga ko agiye kuzokora ibishoboka vyose kugira habe ikiringo kimwe gusa muri ico gihugu.

Benin ni igihugu gitekanye muri poritike hamwe n’intwaro rusangi, mu gihe mu bindi bihugu vyinshi vya Afrika hacibonekeza ugutembagaza ubutegetsi, hamwe n’uruhigi rw’abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi.


IGIHE

Messages

  • Nabere akarore keza abandi bakuru bibihugu vyafirika bamwe nubwo manda zabo zohera batemera kuva kubutegetsi ahubwo bapfuma bahitamwo gusesa amaraso yabobatwara ikibagiweco nugutoteza ababatavuga rumwe iyo ningingo nziza izotuma benin itera imbere ahubwo wewe niwe warukwiye kuba umuhuza hamwe na mkapa mubibazo vyabarundi museven bakamwihoza kuko nawe iyongeso yokwigumiza kubutegetsi yamwiziziye

  • Hobaye Hariho Abandi Nkabo,ntankeka Twoteye Imbere

  • UWO NUMUGABO IMANA IMUHEZAGIRE IMUJE IMBERE AKIRONGORE NEZA TURAKENEYE INTWARI NKIZO MURI AFRIQUE.

  • Urintwari mutama PATRICE Imana ibigufashemo kwerekana akarirero Miri African uzagendere Nkurumbi Wica abenegihugu kugira yuzirikire kuri mandat Yivye

  • Gipara nawe ngo azopfirako hahahahahaha nawe nagumeko bazobimufasha. Burya abahutu yaratubayemwo ariko ntatuzi. Ataneza ufitiye igihugu, ntutwikoreko kuko twe twagwaniye ineza y’Uburundi n’abarundi. Abandi bitaho ineza y’igihugu nawe ukaza kutubiza icuya kitagira insiguro? Ntuturi kure sha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.