IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bénin : Umunyeshure w’umurundi yahitanwe n’isanganya ry’imodoka

Bénin : Umunyeshure w’umurundi yahitanwe n’isanganya ry’imodoka

mercredi 7 Nzero 2015

Umwe mu banyeshure b’abarundi bari kunonosora ivyigwa mu gihugu ca Bénin yitavye Imana ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri i Cotonou mu gisagara ca Bénin. Arnaud Nininahazwe w’imyaka 28 yagonzwe n’imodoka aca yitaba Imana mu gihe yariko yiyunguruza kw’ipikipiki.

Arnaud Nininahazwe asanzwe yahora aba ku Mutakura muri komine Cibitoke, kuva ku genekerezo rya 13 Munyonyo 2013 yari mu gihugu ca Bénin, aho yari yagiye kunonosora ivyigwa muri Master, igisata kijejwe ubuhinga bwa none mu mashirahamwe (MIAGE : Master en informatique Appliqué à la Gestion des Entreprises), akaba yari ageze mu mwaka wa kabiri kuri Université Polytechnique International Obiang N’Guema.

JPEG - 30.9 ko
Arnaud Nininahazwe yohejeje amashure muri Myandagaro 2015

Amakuru duhabwa n’abanyeshure b’abarundi biga mu gihugu ca Bénin amenyesha ko mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero 2015, yasezeye uwo babana mu cumba amubwira ko agiye kugura "disque dur", ari kw’ipikipiki ahetse isakoshi yarimwo inyabwonko yiwe (ordinateur). Ageze hagati ya Carrefour étoile rouge na carrefour vedoko, yahuye n’imodoka "Camion" imutesha ibarabara, iramugonga, akaba yaciye yitaba Imana aho nyene. Hari nk’igihe c’isaha zine mu masaha yo muri Cotonou (10h de Cotonou), ni ukuvuga isaha zitanu ku masaha y’i Bujumbura (11h de Bujumbura).

Arnaud Nininahazwe, imfura akaba n’umuhungu umwe mu bana bane, yohejeje amashure arimwo muri Bénin mu gisata kijejwe ubuhinga bwa none mu mashirahamwe (MIAGE : Master en informatique Appliqué à la Gestion des Entreprises) mu kwezi kwa Myandagaro (Aout) 2015. Amakuru duhabwa n’abanyeshure b’abarundi biga aho muri Bénin avuga ko bamaze gutangura kwegeranya uburyo, babifashijwe n’ishure hamwe n’abandi bose bavyipfuza, kugira bashobore gutahukana ikiziga, umuryango n’abagenzi biwe bamusezere, kandi bamushingurane iteka.

JPEG - 69.6 ko
Arnaud Nininahazwe (uwutangura i bubamfu)

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.