Accueil > Ubutunzi > Bernard Busokoza : "Ndatanguye kwikeka ko hoba hari imvo zinyegeje inyuma (...)
Bernard Busokoza : "Ndatanguye kwikeka ko hoba hari imvo zinyegeje inyuma y’iyugarwa rya AFRICELL"
jeudi 19 Ntwarante 2015, par
Umushingamateka Bernard Busokoza asanzwe ari icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe Tempo AFRICELL, avuga ko atanguye kwikeka ko hoba hari izindi mvo zinyegeje inyuma y’iyugarwa ry’iryo shirahamwe.
Inyuma yaho ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 18 Ntwarante, igiporisi kizindutse cugariza ahasanzwe hakorera ubuhinga bw’ivyuma bw’iryo shirahamwe TEMPO AFRICELL mu kibanza kiri muri Rohero, gitumwe n’urwego ARCT(Agence de Régulation et de Contrôle de Télecommunications) bwo kuhagarika ibikorwa vya AFRICELL vyose, kuri uno wa kane naho , amatara yaciwe muri karitiye yose mu ntumbero yo guhagarika ibikorwa vyose vy’iryo shirahamwe, nk’uko bishikirizwa na Bernard Busokoza mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane.
Asaba urwego ARCT guhagarika ivyo bintu kuko bariko bagirira nabi imiryango iba hafi yaho, ikindi kandi n’uko ivyuma bishobora gupfa bitumwe n’iryo cika ry’amatara, mbere akavuga ko rwoba ari uruhombo rukomeye kuko biciye amafranga agera ku miriyaridi 80 y’amarundi. Agira ati:’’ Ivyuma n’ivy’ igihugu bidakoreshejwe na AFRICELL bishobora gukoreshwa n’abandi.’’
Umushingamateka Bernard Busokoza abandanya agira ati :’’Mu bindi bihugu iyo ishirahamwe rigize ingorane, Reta ikora ibishoboka vyose mu kurifata mu mugongo kugira abakozi b’iryo shirahamwe ntibaje mw’ibarabara, akibaza nimba Uburundi bwoba ari akazinga kari ukwa konyene. N’ubwo mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caheruka yahakanye avuga ko ata mvo zindi mvo zoba zinyegeje inyuma y’iyugarwa ry’ishirahamwe AFRICELL nk’uko bamwe babinuganuga , muri kino gihe avuga ko atanguye kuvyibaza, aravye agatotetezo na Reta ikaba mbere yaranse ibiganiro, nk’uko abandanya abivuga. Akibaza ko vyoba bifise izindi mvo zoba zinyegeje inyuma ,bikaba vyoba bifitaniye isano na kahise ka bamwe bamwe mu basanzwe bagize iryo shirahamwe canke ayandi masosiyete yoba ariko araza.
N’ubu umushingamateka Busokoza Bernard avuga ko ata kindi asaba Reta atari ibiganiro vy’ukuri, mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo, kuko atari ikibazo gito ku bwiwe. Ku ruhande rwa ARCT hoho babandanya basaba iryo shirahamwe ko ryokwugara neza ibikorwa vyaryo rigakura meza kuko ivyabo vyamaze kurangira, nk’uko Pascal Mboniyeze umuyobozi ajejwe ubuhinga muri ARCT yabitwiganiye ku muhingamo wo kuri uno wa 18 Ntwarante.
Tubibutse ko iryo shirahamwe AFRICELL TEMPO ryatanguye gukora mu mwaka w’1999 kuwa 16 Nyakanga, mu ndwi iheze urwego ARCT rukaba rwamenyesheje ko ishirahamwe AFRICELL rigiye kwugarwa kuko ryarangije ikiringo caryo co gukora ,rikaba ritashoboye kuronka amafaranga agera ku miriyoni cumi z’amadorari y’uruhusha asabwa na Reta kugira ishirahamwe risubire gukora, guhera ku munsi wa mbere akaba ariho umuhora wa GSM wugarwa. Tukabamenyesha ko iryo shirahamwe ryakoresha abakozi barenga amajana atatu.
Floxella Karire
Messages
19 Ntwarante 2015, 20:16, par vaba
Abatutsi murabangamiwe kweriiiiiiiiii sha Abo ba Dd barabereka aho hose bashaka agatwe ka Busokoza amakuru yokwizera dufise bavuga ko uyo ari umwansi wa Cndd Kandi Nduwimana akaba amurwanya cane muraba mumbarira akari inyuma karahindaaaaaaaa
19 Ntwarante 2015, 21:21, par Ivy
None uwo Nduwimana wewe ni umuki ga vaba?
Jewe nibaza ko ikibazo kiri mu Burundi uno musi atari ic’abahutu n’abatutsi.
19 Ntwarante 2015, 22:34, par ###
jew ndavye ivyo iyi ntwaro ya CNDD FDD yiziziyemwo abahutu beshi iriko ikorera abatutsi nabatavugarumwe nayo binyibutsa ukungene muri kahise kuburundi abahutu bagiy bava kuburongozi kubera imitima yinzigo nokwihora horana vyagiy bibaranga muri kahise kabo nko mu reta,igisirikare,no muri Uprona barundi barundikazi nta zigo canke amacakubiri vyubaka dutere imbere muvyiyumviro TWESE TURIBAMWE Murakoze Imana ibahe imitima yoguharira abandi
20 Ntwarante 2015, 07:09, par abdoul
muri ibijuju ikibaye cyose mukirabira mu muby’amoko?!! ntimuzopfa muteye imbere kugeza yesu agarutse, kereka muhindutse mu mitekerereze.
20 Ntwarante 2015, 23:30, par Lambert Bigirimana
Mbebasha Duhebe Dute Imiryango Yabavukanyi Mwibarabara Kubera Invo Za Politique?Ico Nobibutsa Nuko Imana Ikunda Uburund,naho Har Abumengo Nibasumirinda
20 Ntwarante 2015, 23:32, par Lambert Bigirimana
Mbebasha Duhebe Dute Imiryango Yabavukanyi Mwibarabara Kubera Invo Za Politique?Ico Nobibutsa Nuko Imana Ikunda Uburund,naho Har Abumengo Nibasumirinda