Accueil > Amakuru > Poritike > Bernard Busokoza yasabwe kubangira ibikorwa vyiwe vy’icegera ca mbere (...)
Bernard Busokoza yasabwe kubangira ibikorwa vyiwe vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
jeudi 24 Gitugutu 2013
Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi agiye gusubirammwo indahiro yiwe, nk’uko bimenyeshwa na Karori Ndagijimana, umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, inyuma y’aho mu ndahiro y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu basangiye itubahirije ibwirizwa nshingiro.
Inyuma yaho uwo mutegetsi yitiranirije umukuru w’igihugu n’abanyagihugu bo bene igihugu mu ndahiro yiwe imbere y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abakenguzamateka, abagize Leta, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi banyacubahiro, n’ubu abo batumire bose bagiye gusubira gutumirwa kugira mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, bakurikirane ibindi birori vy’ukurahira kw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Nyakubahwa Bernard Busokoza.
Muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rero, bakaba bavuga ko aho icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaja gutera umukono, hari igisomwa canditswe neza, akanenge nako karaheza kabonekera mu gisomwa uyo munyacubahiro yari yateguriwe kugira asome. Muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro rero, bakemeza ko kabasovye, nabo bagiye kubibona Busokoza yaheje gutera igikumu mu gitabo, ko amabanga yiwe atanguye icese.
Muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rero bakaba basaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ko yoba arabangiriye kubandanya arangura amabanga yiwe y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe atarasubiramwo indahiro yiwe izoba yubahiriza vyukuri ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi. Umunsi ivyo birori bizosubira kubera ko, Karori Ndagijimana akaba atabimenyesheje.
Ugusubiramwo indahiro kw’abanyacubahiro, bikaba atari irya mbere bibaye, kuko Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika nawe, yigeze gusubizwamwo kurahira, mu gihe mu gisomwa ciwe harimwo utunenge, maze uyo nawe aca abibona yahejeje kera.
Aristide Nizigire
Messages
24 Gitugutu 2013, 07:28, par waste
vyari vyiza gukwirikiza ibwirizwa shingiro ariko murumva yuko ari isesagura ryitunga ryigihugu kuko ivyo birori ntibizokorwa kubuntu kandi abanyagihugu bari mubukene butagira uko vungana
24 Gitugutu 2013, 09:02, par Uwubizi
Iryo kosa ryo muraribonye ariko reke turindire turabe ko mutazemerera Peter kwitoza ubugira gatatu!!!
24 Gitugutu 2013, 09:48, par Richard
Mbega hari uwitarazi ko igihugu arica Nkurunziza nabiwe ahubwo bamuhoye ubusa
24 Gitugutu 2013, 14:44, par RAMA
yarakwiyeguhagarijwa burundukuko ubwicanyibwabusokoza burenzeko.ntazohaveyicanankurunzizawacu.gusauwowenuwobita"MUKORUMBONE!"
24 Gitugutu 2013, 22:26, par Kagame
None ivyo yasoma vyateguwe na nde? Barazi ivyo bumvikanye nivyo banditse.Tuzoraba uko azokora niho tuzomenyako yarahiye ivy ukuri canke atari vyo!
25 Gitugutu 2013, 02:38, par hima
Abakera barayamaze ngo /indahiro mbi ntigwaza munda!turindire ico yamukamwo.impanuro notanga naho bitoroshe aragendera iragi uwiguze igihugu yadusigaranye ntatinye kuganura uwu basangiye amabanga kk inyuma yiyo ntwaro abarundi tuzoguma twibuka ico yakoze.nyakwubahwa uronse amateka yo kwicara kuri iyo ntebe,ntiwibagire amarira usize kumugumya,uribuka abo mwicaranye
28 Munyonyo 2013, 10:14, par Bangurambona Jacques
Na jewe nda mukeje mumabanga arimwo ararwanira Amahoro nu Mutekano wabose yongere atorere inyishu ingorane ziri mumi gambwe murakoze.