Accueil > Amakuru > Poritike > Bernard Ntungwanayo:" Ikibazo c’uburundi si ikiringo ca gatatu, ni (...)
Bernard Ntungwanayo:" Ikibazo c’uburundi si ikiringo ca gatatu, ni iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha"
jeudi 13 Myandagaro 2015
Icegera c’umukuru w’umugambwe FNL-Iragi Rya Gahutu Remi, Bernard Ntungwanayo yamenyesheje ko ingorane abarundi bafise zitirirwa ikiringo ca Gatatu c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza,ahubwo ko ingorane nyamukuru ari ivyaha uwo mukuru w’Igihugu yakoze imbere yo gufata ubutetsi bigatuma acirwa urwo gupfa gutyo rero agatinya kuva ku butegetsi kuko yobibazwa.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Bernard Ntungwanayo, yavuze ko umugambwe FNL Iragi rya Gahutu Remy rishigikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umugambwe wiwe CNDD FDD,ariko we yitandukanije n’umugambwe avuga ko ukorana n’umurwi w ‘abicanyi.
Ivyo bibaye inyuma y’indwi imwe gusa yandikiye umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Ban Ki moon,ikete ryashitse i New York ku cicaro gikuru ca ONU kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro, amusaba gutabara mu Burundi amazi atararenga inkombe.
Ku bijanye n’abavuga ko ingorane ziri mu Burundi ziterwa n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,Bernard Ntungwanayo avuga ko atari vyo kuko ico kiringo ca gatatu yagishitseko kuko amasezerano ya Arusha atubahirijwe.
Bernard Ntungwanayo avuga ko uko ibiganiro biriko biraba mu Burundi,atari ibiganiro kuko babeshanya,ariko avuga ko ibiganiro bishoboka, ariko amakungu afashije igihugu adahengamiye ku ruhande rumwe.
Van Naris Mugisha
Messages
13 Myandagaro 2015, 12:04, par kaburante
eka uri ntungwanayo nyene!ntuzi nivyuvuga!mbe nkurunziza yakoze ivyaha ibihe?mumuhora ubuhutu bwiwe ntakindi!!yamara turi maso tuzobamesa sha!komeza muducokoze!!!buyoy ko yidengemvya nabantu bake yishe?bikomagu we yakozi iki?kimwe gusa mumuhora ubwoko!ikosa nkurunziza yakoze nukutubahiriza ibwirizwa nshingiro uko riri,agashira mukazi 60% na 40%,yihereye faveur abatutsi none nibo bagira bamwivugane!!!!tuzobasya sha!!!!
13 Myandagaro 2015, 12:09, par Falcon
Babwire mutama,mwa mbonerakunya mwiyita"FIDELITE,BONGO"jewe mwampinduye ubwoko bwanje ngo ndumututsi kuko ntemera ivyo binywamaraso vyaba DD,kandi nubwo noba umututsi ntacaha,none se nuwo mutama n’umututsi?uwudashigikiye iyo nkozi yikibi NKURUMBI aca aba umututsi?umviriza"KIDUMU YARAMENJE"gusa ntamoko mwoshobora kubiba mubantu,ubu twarize,yaba umututsi,yaba umutwa,yaba umubembe,yaba umutwa afise ivyiyumviro nkivyo vyanyu ntantambwe azoduterana.
13 Myandagaro 2015, 13:07, par habumugisha eld
ndabashimira kumakuru mutugezaho ariko kumakuru ntabwo arivyiza gukurako cankwe kwongerako ntungwanayo ivyo yavuze ubisomye mu gihe.com mukinyarwanda biratandukanye cane gose niyinkuru muduhaye mukirundi . murakoze.
13 Myandagaro 2015, 13:37, par Dvgjlhd hd d
Kubwanje kava uburundi bwikukira"abagandaguye inganda,tutibagiye1972 baraho Kandi nibaze Ko uwuzi koyaciye mwishamba canke akab umuvugize ntanumw urimwere.Ewe burundi niciro Ry umugani pe!
13 Myandagaro 2015, 15:16, par NTAMUHWE
mbega mutabazamakungu yiki inkoho haruwutayizi rindira gusa havuge ifirinbi twikurekwintwaro yigikenye
13 Myandagaro 2015, 16:02, par nkdn
wewe wosanga ukuri ukuvuze niko menga ivyiyumviro dutanga ntaco bimaze umengo bamwe nugutukana nogucafuzanya ntibatange umuti wubaka umuti uzoheza ibibazo muburundi nuko sever yokora mugabo igashirahabona ivyabaye nababikoze kuko tudahendanye abarundi twese turabazi hama rero hagaca haba iki ntu nokwita indahiro ntazorengwa yokutazosubira kugarukana ivyamoko noguhigana nguyu yakoze ibi kuko abatwaye bose bakoze ivyaha iyo mushatse ngo mubibahanire mutuma baca bigumiza kubutegetsi kugira bikingire ibi nivyo vyozana amahoro arama muburundi nubwo menga twe tubivuga ntitwumvirwa ndabacire umugani nta nzoka yikomora nukuri ibibaye vyogenda bihera tukateba tukinjira muburundi butagira amaraso nifuje ko iki kiyumviro coshikira abo vyega abahutu na batutsi na batwa duce tubana mumahoro nambere nsabe reta irekure abo kwa gwasa bose bidegemvye izoba arintambwe yambere twifuza kwogorora murakoze n
13 Myandagaro 2015, 17:04, par mwene harimesj
Uyu mugabo muramurabe neza arafise akagwara ko mumutwe we muri FNL niho batakoze ivyaha vyo guhanishwa urupfu aribagira na Buyoya, Bikomagu na na Bagaza kwatazo baracirigwa zogupfa ariko ararucira abandi? Nihobavuze ko ushaka umuhutu umutume uwundi muhutu urasabiriza neza we we uzorinda upfa utaronse nubu ambassador mumfatakibanza uriko urarondera abahutu mwapfuyo ugo muzopfa muribihute kweri.
13 Myandagaro 2015, 19:41, par Gérard
Emwe urabitoyepe!ingoranesikiringocatatugusa.arikokovyabay nitwemeredutekerezeturekegushirakurwana imbere ariko dushirimbere mugufatanamunda nokurengera kurivyovyosvyabaye mazedutegure kazoza.
13 Myandagaro 2015, 19:43, par Gérard
Emwe urabitoyepe!ingoranesikiringocatatugusa.arikokovyabay nitwemeredutekerezeturekegushirakurwana imbere ariko dushirimbere mugufatanamunda nokurengera kurivyovyosvyabaye mazedutegure kazoza.
13 Myandagaro 2015, 19:49, par GERARD
Wabitoyecane sikiringocagatatugusa arikokobiruko ishavuturitsinde ntiturwane arikonitujehamwe abatayigihugubagarukebose mazedutegurekazoza ntidusamare
14 Myandagaro 2015, 03:37
a humbwo bernard burya ariyunvira abarundi ngo akarimi kavug ;inagore karagororoka yibagiye ko fNl bayagiriza ubwitsinyi bwagahomeramunwa we burya ntari mubatsiriwe izomaza kwari uhutu uyumusi nj nkuruziza ejo ni wewe
16 Myandagaro 2015, 18:38, par Jean Mutama
Burundi, mwihane mwese kuko Yesu araje vuba asange mwiteguye
16 Myandagaro 2015, 18:40, par Jean Mutama
Burundi, mwihane mwese kuko Yesu araje vuba asange mwiteguye
21 Myandagaro 2015, 18:49, par Havyarimana Egide
Ingorane abo Benewacu Bagize Ukutamenya Ugutandukanya Igihugu Numugambw Ugukunda Umugambw Gusumba Uko Dukunda Igihugu Cacu Nabanyagihugu Inda Ndende Numwina Wivyisi Igiturire Ubunyonyezi No Gutinya Kurenguka Imbere Yubutungane Kandi Badashoboy Gutunganya Imigambi Iteza Imbere Igihugu!
22 Myandagaro 2015, 20:29, par METO
HAAAAA IYVU BURUNDI YVARABUZE IHERORYI MITI ICONSABA ARUNDI NUKOTWOSENGA IMANA IZOBIKEMURA
22 Myandagaro 2015, 20:30, par METO
HAAAAA! IYVU BURUNDI YVARABUZE IHERORYI MITI ICONSABA ARUNDI NUKOTWOSENGA IMANA IZOBIKEMURA
26 Myandagaro 2015, 11:40, par Benard
Abantu benshi bagiye bavuga ngo FNL nayo yarakoze amakosa
Nico gituma amategeko yokurikizwa
Hagahanwa abayakoze bose