Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bertrand Cantat yemeye ubwa mbere urupfu rwa Marie Trintignant - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bertrand Cantat yemeye ubwa mbere urupfu rwa Marie Trintignant

Bertrand Cantat yemeye ubwa mbere urupfu rwa Marie Trintignant

mercredi 23 Gitugutu 2013

Uwo muririmvyi avuga ubwa mbere gupfa kwa mugenzi we Bertrand Cantat aho yiyemerera ko yakoze ibidakorwa mu kumukubita gushika aho apfa, nk’uko tubimenyeshwa n’ikinyamakuru Les Inrockuptibles.

Ntahakana icaha, aremera ko yakoze ibidakorwa. Avyemeye rero inyuma y’imyaka 10 akubise aho guhwera Marie Trintignan i Vilnius umurwa mukuru wa Lituanie. « Sinigeze ndeka kuvyemera. keretse ndondeye ikuntu nopfa », niko Bertrand Cantat, umuyobozi w’umurwi « Noir Desir »avuga.Yarakatiwe umunyororo w’imyaka 8 kubw’ico caha mu mwaka w’2003, arekurwa mu 2007. Cantat aravuga n’urupfu rw’umugore wiwe Kristina Rady yapfuye mu 2010. Sentare y’i Bordeaux mu gihugu c’Ubufaransa yamenyesheje mw’iyinga riheze ko yari kubibaza umugabo wiwe kuko vyoba vyavuye ku ngorane zo mu rugo. Kuri ico caha, Bertrand Cantat avuga ko umwe wese avuga ivyo ashaka, ko ico caha atocagirizwa. Ati : "hoho noba nabaye uciro ry’umugani mu gusinzikaza ubuzima bw’abagore".

JPEG - 27.2 ko
Kristina Rady

Ku matohoza yagizwe, basanze ibice cumi kw’icumi 10/10 vy’Abafaransa bamuzi nabi kandi bipfuza ko yosubira ku ririmba ahejeje imyaka yaciriwe yo gupfungwa. Kuva avuye mu munyororo mu 2007 kubera ikigongwe c’ikivunga, Bertrand Cantat yarasubiye ku muziki ariko, ari kumwe n’abandi canke nk’umutumire. Gushika mu 2010 ubutungane bwari bwamubujije gusohora ikintu cose kijanye n’urupfu rwa Marie Trintignant.

Jean-Louis Trintignant yishura Bertrand Cantat

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Les Inrockuptibles ca sohotse mu mwanya uheze, Jean-Louis Trintignant umuvyyeyi wa Marie Trintignant, avuga ko yibagiye Bertrand Cantat mu buzima bwiwe. Arongera ati : « naragerageje kutamukwirikirana. Naho nomubona mu nzira ndiko ncamwo, noca ndayihindura, naramwibagiye mu buzima bwanje ».

Abandanya ati :« Haheze imyaka cumi umwana wanje Marie apfuye, mbayeho ntamubona, biragoye ariko ntakundi, abantu benshi babayeho bafise ivy’abababaje, naje mbayeho ukwo ». « Sindamwanka, ariko sinshaka ko twohura ».

Bamubwiye ko Bertrand Cantat yagomvye kwiyahura kenshi, Jean-Louis Trintignant asigura ati : « ariko ntavyo yakoze. Jewe nibaza ko yaca yiyahura ahejeje kumwica ariko ntavyo yakoze kandi n’ingorane ziwe ».

JPEG - 41.3 ko
Bertrand Cantat

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.