Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Beyonce impuzu zo hejuru zakorotse asigara uko yaremwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Beyonce impuzu zo hejuru zakorotse asigara uko yaremwe

Beyonce impuzu zo hejuru zakorotse asigara uko yaremwe

mardi 30 Nyakanga 2014

Beyonce ntiyooherejwe n’agashati yari yambaye mu giteramo yari yitavye n’umugabo wiwe Jay-Z. Iyo ataba yaramenyereye ko impuzu z’abaririmvyikazi zikunzwe kubavako mu mwanya w’ibiteramo yari guhava ata akomoka ku ruhimbi.

Inyuma y’ibiteramo bahoramwo bita"On The Run Tour", Beyonce n’umugabo wiwe Jay-Z bitavye mw’isabukuru " Global Citizen Festival i New York". Nk’uko vyama bigenda, abantu isinzi bari biteganye igishika ivyo uwo mugabo n’umugore bagira babereke. Nguyo Beyonce na Jay-Z baragiye ku ruhimbi( Stage) kuririmbana ururirimbo "Holy Grail" yirekuye mu gikaraza(poitrine).

Igiteramo caryoshe, ishati ya Beyonce yariyugurye buhorobuhoro gushika aho n’umukondo usigara hejuru, ikitavuzwe coco n’amabere ariko Imana yarakinze kuko yari yambaye ka gahuzu gafuka amabere kandi nawe yarinze aheza kuririmba ukuboko kumwe gufashe amabere.

Mwomenya ko itari umuririmvyikazi wa mbere imppzu zikorokanye ariko araririmba, nk’ivyo vyaheruka gushikira Nicki Minaj aho wewe yasigara ko zamuremye.

Raba aha munsi isanamu yerekana uko vyagenze


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.