Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Beyonce na Jay-Z bahawe iminsi 60 kugira basohoke inzu bakotesheje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Beyonce na Jay-Z bahawe iminsi 60 kugira basohoke inzu bakotesheje

Beyonce na Jay-Z bahawe iminsi 60 kugira basohoke inzu bakotesheje

vendredi 11 Nyakanga 2015

Beyoncé n’umugabo wiwe Jay-Z bahawe iminsi 60 yo kuba basohotse mu nzu babamwo bakotesheje mu gisagara ca Los Angeles muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iyo nzu yamaze kugurwa n’uwundi mutunzi.Beyonce n’umugabo wiwe bamaze gutangura kwiruka barondera iyindi nzu vuba cane,iminsi 60 bahawe itarahera,mu gihe iyi nkuru bayimenye bari mu kiruhuko mu gihugu c’Ubutariyano n’umwana wabo Blue Ivy.

Nk’uko TMZ yabimenyesheje, Beyonce na Jay-Z bariko bakora ibishoboka vyose,kugira baronke iyindi nzu mu gisagara ca Los Angeles kuko umwana wabo ariho yamaze gutangura ishuri kandi nabo bakaba bahakunda.

Kuva bubatse urwabo, Beyonce na Jay Z ntibigeze baba mu nzu yabo bwite ahubwo bagumye baba mu nzu bakotesha.

Inzu Beyonce na Jay Z babamwo bayikotesha amadorare ibihumbi 150 ku kwezi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.