Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Big Farious yatumiwe mu giteramo mu Bubirigi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Farious yatumiwe mu giteramo mu Bubirigi

Big Farious yatumiwe mu giteramo mu Bubirigi

mardi 30 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Mugani Desire [Big Farious] yatumiwe mu gitaramo gikomeye "East African Party" kizobera mu Bubuligi, mu gisagara ca Anvers, kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2016, ahitwa Nerviersstraat 12, kuva isaha zibiri z’ijoro gushika mu gatondo.

Ico gitaramo kizobera mu majaruguru y’Ububirigi, kikazohuriza hamwe abaririmvyi biganjemo abakomoka mu bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, barimwo Lionel Sentore [Rwanda], Big Farious[Burundi], T-Max[Tanzania] hamwe na DJ Eric Gava wo muri Kenya [azofadikanya na DJ Mabilo].

Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, Kiyoyo Juma amenyerewe mu gutegura ibiteramo mu Bubirigi, yavuze ko ico giteramo yateguye kigamije guhuriza hamwe Abanyafrika baba i Buraya. Yavuze kandi ko ico gitaramo muri rusangi ari igihuza Abanyafrika bagasangira umunezero, imbere y’uko batangura akazi, kuko ubu abenshi muribo bari mu bihe vy’uburuhuko.

Kiyoyo Juma avuga ko ico giteramo ni icerekana ubumwe Abanyafrika bafitaniye, kandi ko bipfuriza iterambere n’amahoro aho dukomoka.

Ukwinjira muri ico giteramo akaba ari amafaranga 15 y’amanyaburaya.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza guhuza abarandi eka mbere nabanyafrika muri rusangi ariko birakwiy kwabaririnvyi bogerageza kugira indero nacanecane nka Fizzo ivyo yahatsw gukora muri suede mugisagara ca VästerÃ¥s nakamaramaza ntanuwobivugira aha kuri réseaux sociaux ariko nomusaba kwisubirako ntibimuberey nkumuhanzi abeshi twakunda.Nimba ashobora kuzosoma ubu butumwa arakwiy kuzosaba imbabazi abarundi bose hamwe nuwo nokwita X we aca abimenya.Tugendere indero runtu kandi agateka umuntu arakiha

  • non se nabogusa batumiw ?rizob arihiganwa?

  • Niphuzindirimboyahasohoreye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.