Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Big Fizzo yaronkejwe ubushimwe bwinshi muri TopTenTube Music Awards (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Big Fizzo yaronkejwe ubushimwe bwinshi muri TopTenTube Music Awards (...)

Big Fizzo yaronkejwe ubushimwe bwinshi muri TopTenTube Music Awards 2014

vendredi 15 Myandagaro 2014

Igiteramo co gutanga ubushimwe mw’igihiganwa TopTenTube Music Awards 2014 ritegurwa n’insamirizi Bonesha FM caraye kibaye ukuri kwamye. Big Farious yabaye uwa mbere yatwaye ubushimwe bwinshi mu bisata bitatu vy’amahiganwa. Abantu batari bake hagwiriyemwo urwaruka bari bitavye ivyo birori. Patrick Nduwimana arongoye Bonesha FM asaba gukorana n’abarongoye ibimenyeshamakuru gukorera hamwe, kugira bagure igikorwa asaba kandi Reta gusubiramwo ingingo igenga ubunywero kuko ikandamiza ikanagabanya ubutunzi.

JPEG - 1.7 Mo
Patrick Nduwimana ariko ashikiriza ijambo

Ihiganwa TopTenTube Awards 2014 rituganywa ni nsamirizi Bonesha FM ryaraye risozereye igikorwa ryari rimaze umwaka urenga ritunganya ( Kuva muri Ruheshi 2013 - Ruheshi 2014). Patrick Nduwimana arongoye iyo nsamirizi mw’ijambo ryiwe yarashimiye abantu bose bagize ico batereye kugira ico gikorwa kigere kuri uwo munsi. Yarashimye kandi itera mbere aho bavuye mu bibanza vyaga bagahabwa ikibanza cagutse (Terrain dit du Parquet) gishobora kwakira abantu benshi. Yaranagarutse cane kw’itegeko ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu rigenga ubunywero aho asaba ashimitse ko ryosubirwamwo. Patrick asaba kandi ko mu mwaka uza boja hamwe n’izindi nsamirizi n’ibinyamakuru bakagira ikintu kinini.

Igiteramo ca TopTenTube Awards 2014 citabwe n’abantu isinzi bagwiriyemwo urwaruka, abamenyeshamakuru batandukanye, eka n’abaririmvyi batari bake bari bahishikiye. Icatangaje aba n’abandi n’indirimbo zirwiriyemwo imvamakungu zaravugijwe cane kandi ico gikorwa cavuye, ku ruhande rumwe, mu kiganiro "AKIWACU" cagenewe umuziki w’Uburundi n’Abarundi.

Inyuma y’intambo n’igiteramo cagirishijwe n’abaririmvyi nka Spok’s n’umurwi wiwe, umurwi Overdo, abatamba bari mu murwi "Code" eka n’abandi, ibirori vy’ugutanga ubushimwe vyaciye bitangura. Ubushimwe bwatanzwe uku gukwirikira:

1) Ururirimbo "Yahaya" rwa Big Fariouz rwahawe amajwi benshi ivyo bita "Choix du Public mu kiganiro « AKIWACU »

2) "Mot de Passe" rwa Yoya rwabaye ururirimbo rwa mbere rw’umwaka,

3) Big Fariouz yatowe nk’umuririmvyi wa mbere w’umwaka,

4) Spok’s yabaye umuririmvyi yamenyekanye muri uno mwaka (Revelation de l’annee)

5) Lizer Classic yabaye umuhinyanyuzi wa mbere w’umwaka,

6) "Umwami w’Ibirere" ya Dj Prince yabaye isanamu ya mbere

7) " Who you are" ya Big Fariouz na Samantha yabaye indirimbo yakorewe hamwe ( Meilleure Collaboratio),

8) " Icamwa " rwa Peace and Love, rwatwaye agashimwe k’ururirimbo ruvanze akaranga n’ubuhinga bugezweho (Tradi - Moderne)

9) "Number One" rwa Diamond rwatwaye agashimwe k’ururirimbo rwa mbere rwo mu karere,

10) Ururirimbo rwa mbere mpimbazamana rwa Redemption Voice

Mwomenya ko muri ubwo bushimwe, Big Fariouz yaronsemwo butatu wenyene, ikindi n’uko bamwe mu bamenyeshamakuru bataronkejwe uburenganzira bukwiye kugira bafate amasanamu kandi biri mu kazi kabo ka minsi yose kugira akazi kabo gakorwe neza.

JPEG - 37.1 ko
Fizzo na Samantha bahawe agashimwe ku ruririmbo bakoranye
JPEG - 1.7 Mo
Abakobwa bo mu murwi "Code" baguma bihanagura akuya
JPEG - 43 ko
Spok’s ati:" uno mwaka naramenye ku mpande zose"
JPEG - 48.2 ko
bamwe mu bamenyeshamakuru baraho

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Iyi commmentaire yanje abantu ntibayikunda ariko nibaza ko abantu begera Fizzo mwoyimunshikiririza mwoba mukoze kuko Mbona ari ngirakamaro .Fizzo yari yaronse amahigwe yo kuba muri France ,mbere aranahavyarira umwana wumukobwa .None aho kwicara muri France ngo yige ,anarere umwana wiwe hanyuma azoze araja i Burundi muma Vacances kuririmba ,nguyo ubu yaciye asubira i Burundi umwana arata (amubona indwi zibiri mumwaka) akirigwa yiruka mubishimwe budaciye nama faranga aguze Moto .Fizzo Mon ami raba abandi ba Star baba hanze ,Fmi de Jabat atunze abana akagira nama $$ ,Mudibu nawe nyene atunze urugo,Jeremie Hakeshimana Nawe nyene afise umuryango muri Bergique ,Leonard Niyomwungere atunze abana muri Canada ,Africa Noca Canada ,Evode Ntahonankwa Atunze abana muri Canada nukuri abo bose ndakubwiye badateye igomwe ,bagenda mumiduga izimvye nkuko ndabibona kumpome zabo za Facebook .Uzicuza mwene data utavuye ibuzimu ukaja i Buntu ukaja mu Bufaransa kurondera ubuzima nayo iyo ubu Star bw’i burundi ntaco buzokumarira nabagautanguriye vyaranse

    Hajayandi Edou
    Paris -France

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.