Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bimwe mu bihugu bizokinira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru (...)
Bimwe mu bihugu bizokinira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru 2014
mardi 15 Gitugutu 2013
Hari imirwi nserukira bihugu imaze kumenyekana ko izoja guhiganirwa igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru rizobera mu gihugu ca Brésil mu mwaka 2014.
Iyo nayo n’imirwi iserukira ibihugu nka: Australia, Irani, Ubuyapani, Koreya y’ Epfo, Ububirigi, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuholande, Ubuswise, igihugu ca Costa Rica, Leta Zunzubumwe z’Amerika, Argentina, Colombia, Brézil ari naho izo nkino zizobera. Ariko rero haracari ibibanza 18 vyo guhiganirwa.
Tubibutseko ko ku muhingamo w’uno munsi w’igenekerezo rya 15 Gitugutu isaha zitatu z’ijoro (21h), umurwi nserukira gihugu w’ubufaransa ufise umumenyereza Didier Deschamps uza gutana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Finlande ufise umumenyereza Mika Paatelainien.
Ku bijanye n’urwo rukino umumenyereza Mika Paatelainien wa Finlande asa n’uwutiteze intsinzi ko avuga ko kuva aho agiriye muri uwo murwi muri Ndamukiza umwaka w’ 2011 yasanze utiteguriye kuja mu mahiganwa akomakomeye, ko rero vyo musaba kuwuhindura wose. Amenyesha ko ariko yitegurira igikombe co mu 2016. Lucas Hradecky asamira Finlande ahava atoroherezwa na Franc Ribery igihangange mu kwinjiza mu murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa.
Ku rundi ruhande Didier Deschamps asa n’uwubona intsinzi aho yamaze no gupanga abakinyi biwe, aha twovuga nka Raphael Varane yaramaze amezi 5 arwaye igikomere, Sakho akina mu murwi wa Liverpool n’umukangara Eliaquim Mangala bakina inyuma, ariko rero ntiyosya bwose na rirya abafaransa asa nabakuye icize ku murwi nserikira gihugu wabo.
Chérif Nkeshimana
Messages
25 Gitugutu 2013, 10:09, par sengare jean levis
jewe kw’izina ryanje ahumbwo ndumvira ubwoba finlande kuko mubuzima bwanje ndatinya france