Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Bimwe mu bikoresho vy’ibiteramo vya Ikoh Multiservice vyafatiwe ku kibuga (...)
Bimwe mu bikoresho vy’ibiteramo vya Ikoh Multiservice vyafatiwe ku kibuga c’indege
mercredi 17 Kigarama 2014
Ibikoresho bizokereshwa mu biteramo vya Ikoh Multiservice bipfungiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri. IKORICIZA Haruna abona ko hoba harimwo intumbero yo kugomba kumwaka igiturire.
IKORICIZA Haruna yamaze umwanya munini ahashikira imizigo y’abururutse indege. Bimwe muvyo yari azanye vyarasohotse ata ngorane, ariko ibindi birafatwa n’abakozi bo mu gisata kijejwe gutoza amakori (OBR). HARUNA arongoye ishirahamwe Ikoh Multiservice avuga ko adatahura igituma bimwe mu bintu vyiwe vyafashwe kandi vyinshi vyarenganye ata ngorane. Hafashwe impuzu n’inkofero zizokoreshwa mu biteramo ariko aratunganya. Haruna amenyesha ko hafashwe ibikoresho bizokora mu biteramo bizwi cane n’ubushikiranganji bw’urwaruka, kuko muri ivyo bitermo azoba ari akaryo keza ko kwerekana umurwi w’Ingoma waserukiye Uburundi ku munsi mukuru w’ishirwa mu gitabo ca UNESCO Ingoma z’Uburundi, hamwe n’agashimwe Natasha yatsindiye mw’ihiganwa rya SICA (Star de l’Integration de la Culture Africaine). Umukozi wa OBR yabifashe ntaco yashatse kubivugako kuva aho yumviye ko bamufashe isanamu (photo), akaba ahubwo yashatse guhamagara abakozi bo mu rwego rw’iperereza.
Haruna asanzwe aterera cane mw’iterambere ry’akaranga mu Burundi, abona ko ifatwa ry’ibintu vyiwe ryari rifise iyindi ntumbero, akikekamwo igiturire ari naco gituma yahisemwo kubirazayo kugira bikorwe ku mugaragaro. Haruna avuga ko n’indege ya Fly Doubai yamuzanye itamurihishije ivyo bikoresho. Asaba ko yokworoherezwa mu kazi kandi hari ico asabwa akakimenyeshwa hakiri kare kugira bagabanye ivyo gutesha umwanya umuntu.
Mwomenya ko Haruna yari atahutse avuye i Dubai kuzana ubushimwe buzohabwa umumenyeshamakuru yitangiye cane guteza imbere umuziki w’Uburundi, umuririmvyi n’umuririmvyikazi ba mbere bakoze neza mu mwaka w’2014.
Isango ni igenekerezo rya 19 Kigarama kuri Club du Lac Tanganyika bukeye bwaho kw’igenekerezo rya 20 Kigarama kuri "Alpha CD Technology". Bamwe mu baririmvyi nka T Max yahora mu gihugu ca Tanzaniya yarashitse kugira yitegurire ivyo biteramo mbonekarimwe.
Tubibutse ko ibihangange vy’abaririmvyi bakurikira bazoremesha ivyo biteramo : Kidum, Fariouz, Yoya, Mkombozi, Sat-b, Famba, Matabaro, The Cousins, Black G, Peace and Love, Franck Duniano, Natacha, Rally Jo na T-Max. Umuririmvyi mvamakungu azoba ari umutumire ni Rich Mavoko azova muri Tanzaniya.
cherif Nkeshimana
Messages
3 Myandagaro 2016, 23:35, par Fiacr
Bizobera He?