Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu bimenyetso vyerekana ko wanduye SIDA mu kwezi kumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bimwe mu bimenyetso vyerekana ko wanduye SIDA mu kwezi kumwe

Bimwe mu bimenyetso vyerekana ko wanduye SIDA mu kwezi kumwe

vendredi 13 Ruheshi 2014

Naho bisanzwe bizwi ko SIDA idapimishwa ijisho, umurongo ngurukana bumenyi "health.com" rwatanze ibimenyetso ushobora kumenyerako ko umugera wa SIDA wagufashe.

Umugera wa SIDA, naho woba umaze ukwezi kumwe canke abiri winjiye mu mubiri w’umuntu, ku bice 40 kw’ijana kugeza ku bice 90 kw’ijana, urashobora kubona ibimenyetso bitandukanye arivyo bita "Acute Retroviral Syndrome (ARS)".
Mukibuka ariko kandi ko umugera wa SIDA ushobora kumara igihe kinini mu mubiri ata kimenyetso na kimwe cigaragaza inyuma. Ushobora no kumara n’imyaka icumi ata n’igicurane umuntu ararwara. Ni vyiza rero ko buri muntu yakoze imibonano mpuzabitsina atikingiye ko yokwipimisha kugira amenya uko amagara yiwe yifashe, amenye ukungene yitwara no kutabandanya yanduza abandi.

Bimwe mu bimenyetso vyatanzwe n’abashakashatsi banonosoye ibijanye n’umugera wa SIDA, vyerekana umugera ukiri mushasha mu mubiri :

1. Guhindagurika kwo kuja mu butinyanka ku mugore

Naho guhindagurika kwo kuja mu butinyanka ku mugore biterwa n’impamvu nyinshi zitandukanye, iki naco ni ikimenyetso gitangwa n’abo bashakashatsi. Umugore canke umukobwa akunda gukora imibonano mpuzabitsina atikingiye, inyuma y’ukwezi ukuja mu butinyanka kwiwe kukaza kurahindagurika, akwiriye guca aja kwipimisha akaraba namba atanduye umugera wa SIDA.
Abashakashatsi banonosoye ibijanye n’umugera wa SIDA bavuga ko iyo ako gakoko kamaze kugera mu mubiri w’umugore, karashobora gutuma bamwe bamwe bagenda mu butinyanka gake, canke ntibize neza ugereranije n’ayandi mezi aheze.

2. Kugira ubushuhe

Kimwe muri ibi bimenyetso twise ARS, kugira ubushuhe bwinshi navyo birimwo. Iyo umuntu asigaye agira ubushuhe bupima kuri 38.88 bugakurikirwa no kwumva ucitse intege ni ngombwa kwihutira kwa muganga kwipimisha. Bikavurwa ko ico gihe umugera uba uriko urinjira mu maraso, utanguye kwigaburamwo uduce twinshi cane, nk’uko vyemezwa na Carlos Malvestutto ashinzwe ishami ry’ubuganga muri kaminuza ya New York.

3. Ukugabanuka mu kwibuka ikintu no gufata ku mutwe

Umuntu yanduye umugera agenda atakaza ubushobozi yarasanganye bwo gufata mu mutwe ndetse no kwibuka. Namba umuntu yari asanzwe azi gufata ku mutwe canke kwibuka, ariko bikaba bisigaye bimugora, vyiza n’ukunyarukira kwipimisha mu gusuzumisha amagara uko yifashe.

4. Kugira uburuhe

Iyo umugera utera SIDA umaze kwinjira mu mubiri,umubiri utangura kumera nk’ucitse intege. Namba wakoze imibonano mpuzabitsina utikingiye, ukaba wumva usigaye uruha cane, wonyarukira kwipimisha ko utoba waranduye.

5. Kubira ivyuya mw’ijoro

Nk’uko vyemezwa na muganga Malvestutto, iyo umugera umaze kugera mu mubiri, utangura gukora cane ku buryo umuntu arara arabira ivyuya ijoro ryose. Mu gihe cari gisanzwe ari icumba kidapfunganye, ku buryo umuntu yobira intuguta, ariko ukaba usigaye ubira ivyuya gushika naho aho aryama hatota canke bikanatosa impuzu aba yararanye, amakenga y’uko atoba yaranduye ntiyobura.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.