Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu vyo abakobwa banegura abahungu bakundanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Bimwe mu vyo abakobwa banegura abahungu bakundanye

Bimwe mu vyo abakobwa banegura abahungu bakundanye

vendredi 19 Nyakanga 2014

Nk’uko hari ivyo abahungu badakunda kubona ku bakobwa bakunda kandi bafise ko imigambi yo kwubakana, eka n’abakobwa barafise ivyo bagaya ku bahungu. Bimwe muvyo abakobwa bakanka kubona kubona ku bahungu mu bisoma aha munsi.

Hari abahungu bibazako abakobwa ari bo bafise amakosa gusa, eka n’abahungu barafise ivyo abakobwa babagaya.

1) Ikintu ca mbere umukobwa yanka cane ku muhungu bakundana, ni kwumva ko uwo muhungu amuvanga. Bisigura ko amwihisha ko canke akamubesha ko atawundi afise ariko afise abandi bakobwa bagendana.

2) Bamwe mu bakobwa baranka umuhungu yiyemera ko afise amahera canke ava mu miryango utunze. Bobo bahitamwo umuhungu yobihora ariko bikaboneka mu vyo yoba amukorera canke mu vyo akora.

3) Umukobwa aranka umuhungu ata muha umwanya ngo amwere ko amukunda vy’ukuri. Iyo uwo mukobwa agiye ku muramutsa, umuhungu akaguma yitaba amatelefone y’abandi bantu baba abo bakorana akazi canke abagenzi biwe. Hari n’abahugu iyo umukobwa bakundanye agiye kumuramutsa aca ashaka kumwereka uko "computer canke telefone yiwe ikora aho kumuha umwanya bakavugana ivy’urukundo.

4) Abakobwa baranka cane umuhungu w’umwanda, usanga anukisha amashesheti, ibirato, afise ibintu mu menyo canke anuka ku rukoba canke usanga mu cumba ciwe gisa nabi.

5) Abakobwa baranka cane umuhungu adafise imigambi, umuhungu w’ikinebwe yerekana ko atagira inguvu, eka umuhungu asa n’uko ataco ashoboye.

6) Abakobwa baranka umuhungu adashobora kuyagisha abantu hama igihe baba bagiye kuramutsa incuti canke abagenzi ugasanga umuhungu aguma ahoze nk’aho umenga ntagira ijambo.
Dusubiye inyuma gato, umukobwa ashobora kubwira amakosa nk’ayo umuhungu akunda abariko amwereka ko amufiseko imigambi yo kwubakana muri kazoza


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.