IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Canco Amissi > Biography

Biography

mardi 22 Nzero 2013

Igenekerezo rya 6 Ndamukiza umwaka w’1996, niho umuririmvyi Canco Amissi yitaba Imana. Indirimbo ziwe zarashitse ku nyota abarundi benshi eka mbere n’abanyamahanga kuko gushika n’uno munsi ziracavuzwa kandi zigakundwa. Bamwe mbere iyo bumvise indirimbo ziwe bibatuma kurota bibuka kahise abandi mbere no kurira bararira.

Amajambo ari mu ndirimbo ziwe arakomeye,afise ico asigura akaba no mu mvugo ifobetse yatumye indirimbo ziwe zikoreshwa igihe insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu vyaba vyuguruye ibiganiro gushika mu mwaka w’2008.Aha umuntu aca yibuka indirimbo« Ewe Burundi» ihayagiza ubwiza bw’u Burundi.Kubera ivyo mbere bamwe bamwe bashira umuririmvyi Canjo mu kibanza ca mbere c’umuririmvyi wamaho m’u Burundi.

JPEG - 10.4 ko

Canjo Amissi yavutse mu mwaka w’1957 muri quartier yitwa Swahili mu gisagara ca Ngozi m’uburaruko bw’u Burundi.Canjo Amissi akaba yerekanya impano haba mu vyigwa,mu rukino rw’umupira w’amaguru ndetse no m’umuziki.

Mu myaka ya 60 niho yiga mw’ishuri ry’intango rya Ecole Primaire Catholique du Burundi,hanyuma abandaniriza kuri College Don Bosco y’I Ngozi.Inyuma y’aho yaraciye muri kaminuza y’u Burundi mu gisata c’indome hanyuma yigisha kw’ishuri nderabigisha rya Leta ENE.Kuva yiga mu mashuri yisumbuye yamye yerekana ko ashoboye ibintu vyo kuririmba.

Mu mwaka w’1977,afise imyaka 19 yonyene,Canjo Amissi yaciye aja mu nsamirizi y’igihugu aho yari arongoye umugwi waririmba,indirimbo yabiciye bigacika ni indirimbo yitwa« Ntacica nk’irungu.»Aho mbere niho umwuga wiwe wo kuririrmba watanguye kuko mu mwaka w’1981 yaciye aronka agashimwe kitiriwe« Moulin d’or» akaronkera mu gihugu ca Holande ari mu mugwi Amabano.

JPEG - 7.3 ko

Mu mwaka w’1982, yarabandanije gukora neza kuko yaronse agashimwe kitiriwe prix Calao ako nako yakaronkeye I Dakar mu gihugu ca Senegal aho yaririmvye indirimbo« Umva iyo nganji,» yivugiriza igitari.

Inyuma yaho yaciye asohora urukurikirane rw’indirimbo cumi harimwo indirimbo« umugabo w’ukuri», «garukire aho»,«muvyeyi nogushimira gute»,«mbega mukobwa» n’izindi.
Canjo Amissi yitavye Imana bivuye ku ndwara kuko yabuze uburyo bwo kwivuza.Mu ntumbero yo kuguma bamwibuka harashinzwe ikigo Fondation Canjo Amissi

Indirimbo yiwe yitwa Umugabo wukuri.

MP3 - 6.2 Mo

Mugisha Van Naris

Messages

  • yoooo mudusigurire!!! ngo Amissi yapfuye arwaye yabuze uburyo bwo kwivuza?? IYO ndwara yabiriye amahera yari bwoko ki? OH LALA LETA none yo ntaco yakoze ngo imufashe umuntu nkuwo?? MUTUBARIRE ico yari adwaye n’ingene vyagenze ngo abure amahera yo kwivuza je sindavyumva!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Birambabaje cobo!!! None yoba yaragwaye iki ga ntuze???? Amahera niyo yabuze kugirango avugwe??? Abarundi ni ibipfamutima yemwe, bararetse arapfa kubera amahera???? Ko woyasiga wanse kuyamuha nawe ukayasiga!!!
    Uzi ko bafyina n’ubuzima!!!!

  • Muduhe na: "Mbega mukobwa"

  • Njyewe ndi umunyarwanda ariko aminssi nkunda indirimboze cyane so, mwadufasha mugashiraho 1. Ntacyica nkirungu 2. yewe mukobwa 3. iyondirimbo yanyuraga kunsamiririzi ifunguye murakoze

  • sha yaritwari akaba n’umuhanga,kwabaye ukuvukira mu Gihugu c’abasindabinezwe kuko nkukuntu twakuze Tv yuruzwa nururimbo rwiwe hama nkaba nibuka yaba Rdio kabondo ca tv n’imiburiburi bavuzaga nkidirimbo ziwe zibiri,iciyumviro canje nibazako ahubwo nimba yoba afise abiwe bokurikirana neza RTNB bakaja mubijanye n’indirombo ziwe gucurarangwa mbere bakazuguruz’ibiganiro,yakikwa n’amagara akabura ikimuvuza,nivyo uwagiye ntagaruka ariko arakwiye guhabw iteka rimukwiye,n’uryango we ugahabw’indishi yakababaro kuko aho hose yagenda ahayagiz igihugu catuvyaye,sinzi uwoba yumva iciyumviro canje akaba anabona uko yocandika kikumvikana yomfasha

  • none nkindirimbo umugabo wukuri yashatse kuga ngwiki?

  • canjo yakabaye yarintwari barikumuha umusimumwaka wokuzabaramwibukirako.ndashinja leta yakiryakihe ukuntu itamwitayeho yarumuntu afise ahoyogeza uburundi.

  • canjo yakabaye yarintwari barikumuha umusimumwaka wokuzabaramwibukirako.ndashinja leta yakiryakihe ukuntu itamwitayeho yarumuntu afise ahoyogeza uburundi.

  • Amis alikuwa mwimbaji mzuri

  • Ncaco Amiss Numuririmvyi Atazibagrwa
    Je Ndakunda Garukira Aho!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.