Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Biterwa n’iki kuvunguka imishatsi ku bakenyezi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Biterwa n’iki kuvunguka imishatsi ku bakenyezi?

Biterwa n’iki kuvunguka imishatsi ku bakenyezi?

dimanche 14 Nyakanga 2014

Kenshi turamenyereye kwiyumvira ko kuvunguka imishatsi bikunda gushikira abagabo gusa, bikabazanira ubuhanza. Ariko turabona abagore bafise iyo ngorane, tugaheza tukibaza duti mbega none n’abagore barazana ubuhanza? Vyoba biterwa n’iki?

Abashakashatsi mu vyerekeye amagara y’abantu bavuga ko hari ibintu vyinshi, bivanye n’ibihe, bituma imishasti y’abagore ishobora kuvunguka :

Abakobwa b’abayabaga barakoresha cane ivyo bita "produits" kugira bashobore guhindura imishatsi yabo ise neza kandi yorohe gusokoza, ariko n’ukumenya ko izo "produits" atari nzinza ku mishatsi yabo kuko biratuma imishatsi icika, na kurya basha ku mutwe iyo bayisize biraturira imerero y’umushatsi (la racine). N’insokozo bita "chignon" yo gufunga cane imishatsi irimwo mu bituma imishatsi icika.

Umugore nawe yibungenze, arashobora kuvunguka imishatsi, ariko iyo vyibonekeje cane yoja kwa muganga, kuko vyerekana ko amagara yiwe ataba ameze neza. N’iyo umukenyezi yibarutse birashika akavunguka umushatsi bitewe n’umwitwarariko mwinshi agira kandi ntabe agisinzira neza mw’ijoro.

Ku mukenyezi nawe ariko aja mu busaza, kubera imyitwarariko y’ubuzima n’uburuhe bwinshi afise, hakongeramwo n’uguca kw’imvyaro, biratuma rimwe na rimwe imishatsi ihera ku mutwe. Ikindi naco umuntu yomenya n’uko imishatsi y’abagore ishobora kuvunguka bitewe n’ingaruka mbi zivuye ku miti bafashe canke bigaterwa n’indwara y’ukurengerwa n’ingorane (depression), indwara y’igisukari (diabète), y’ivyunyunyu bidakwiye mu mubiri (nka zinc, magnesium, calcium, fer), indwara yo mu mutwe yo kwishikura imishatsi "Trichotillomanie", hamwe n’izindi.

Ivyo rero bikerekana ko atagufata minenerwe kubona umugore avunguka imishatsi kuko bishobora kuva ku ndwara atazi, arico gituma bikenewe kuja kwa muganga umuntu akamenya ico bivako kugira ashobore kwivuza amazi atararenga inkombe.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.