Accueil > Amakuru > u Burundi > Biyemeje gushigikira no gufasha Leta y’Uburundi bimwe biboneka
Biyemeje gushigikira no gufasha Leta y’Uburundi bimwe biboneka
vendredi 8 Munyonyo 2013
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri yakiriye intumwa zidasanzwe z’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, zaje ziva mu gihugu ca Leta nzunze ubumwe z’Amerika. Izo ntumwa zikaba zari zaje zirongowe na SAM IBOK, umuyobozi mu karere ka Afrika mu gisata ca politike.
Intumbero nyamukuru y’uwo mubonano wabaye hagati y’izo ntumwa zidasanzwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 8 Munyonyo 2013, akaba kwari kuganira ku bijanye n’ibikorwa birangurwa n’ubunyamabanga bukuru bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isanzwe ikorera mu Burundi. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Geravazi Rufyikiri yamenyesheje ko ashima imigenderanire ihari hagati y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ari nayo muvyo baganiriye n’izo ntumwa zarungitswe n’umunyamanga mukuru w’ishirahamwe ONU.
Leta y’uburundi ikaba yasabavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko hokwongererezwa inguvu, mu kubakandanya gushigikira no gufasha kuzana inyishu y’ibibazo bitari bike bigihanze Uburundi, cane cane mu gisata c’ubutunzi, kugira ubukene bwugarije abanyagihugu burwanywe vy’akarorero. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaboneyeho n’akaryo ko gushima imigenderanire ihari, be n’ibikorwa biriko birarangurwa mugukomeza umwumvikano mu Burundi kugira abanegihugu barushirizeho kwiteza imbere. Inyumwa yo kwakira izo ntumwa, Gerevazi Rufyikiri yaciyeci yakira n’izindi ntumwa zaje ziva mu gihugu c’Ubudagi zari zirongowe na Angelika Suelzen Braun ajejwe imigenderanire hagati y’Ubudagi n’Uburundi. Intumbero akaba kwari kuganira ibikorwa vyo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubudagi mu ntumbero gukomeza imegenderanire hagati y’ayo ma Leta abiri.
Ku bwa Angelika Suelzen Braun aserukira umushikiranganji w’ugufashanya mw’iterambere ry’igihugu c’Ubudagi, akaba ari nawe yaje arongoye izo ntumwa, yamenyesheje ko Leta y’Ubudagi yiteguriye gukomeza no kwagura imigenderanire y’iyo n’Uburundi mu gufasha kuzana iterambere y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Ibisata vyatowe ko bigiye gushigikirwa na Leta y’Ubudagi, akaba ari igisata c’amazi no gusukura aho abantu baba, igisata c’amagara y’abantu be n’igisata co kwegereza ubutegetsi abanyagihugu.
Gerevazi Rufyikiri yamenyesheje ko baganiriye n’izo ntumwa ibikorwa Leta y’Uburundi imaze kurangura mu gisata c’umutekano mu kugarukana amohoro mu Burundi, mu gisata co gutwara neza, mu gisata c’agateka ka zina muntu, mu gisata c’ubutunzi no mu vya politike, ibiriko birakorwa, no kwerekana iyo bariko baja. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yemeje cane ko Leta y’Ubudagi yemeye ko igiye gufasha Leta y’Uburundi bimwe biboneka, mbere ko n’imfashanyo yahora itanga ku Burundi igiye kuduzwa na cane cane mu gisata c’amazi no gusukura aho abantu baba, mu gisata c’amagara y’abantu ne o mu gisata kijanye no kwegereza ubutegetsi abanyagihugu.
Twobamenyesha ko izo ntumwa zaje ziva mu gihugu c’Ubudagi zari mU rugendo hano mu Burundi kuva igenekerezo rya 3 Munyonyo 2013 zikaba ziteguye gusubira inyuma kuri uyu wa Mungu, igenekerezo rya 10 Munyonyo 2013.
Mariella Bukuru