Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Black Arthur yaratangaye amenye ko uwo bokwubakanye vuba afise ubugeni (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Black Arthur yaratangaye amenye ko uwo bokwubakanye vuba afise ubugeni (...)

Black Arthur yaratangaye amenye ko uwo bokwubakanye vuba afise ubugeni n’uwundi

mercredi 2 Mukakaro 2014

Umuhinyanyuzi Black Arthur amenyesha ko ubugeni yari yiteze kugira n’uwo bari bamaze igihe kitari gito bakundanye butakibaye. Uwo mukunzi wiwe Black Arthur amwagiriza ko yakurikiye amaronko, akaba ariko yitegura kwubakana n’uwundi.

JPEG - 85.8 ko
Black Arthur na Nadege

Black Arthur yariko yitegurira kugira ubugeni n’umwigeme Nadege kandi imyiteguro yari igeze kure. Amakuru dufise avuga ko igihe Black Arthur yategura kwubakana na Nadege, uwo wewe yariko ategura kwubakana n’uwundi mugabo. Ubugeni bwobaye kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro, ariko uwo muhinyanyuzi nta munsi uheze amenye ko uwo yahora yibaza ko bagiye kwambikana impeta ariko yitegurira ubundi bugeni.

Muri ayo makuru, Black Arthur avuga ati : "Ncuti namwe bavandimwe murantunga kuko ubugeni bwanje bw’igenekerezo rya 26/7/2014 butakibaye ku mvo z’uko uwo twari kwubakana tutumvikana kumvo z’amaronko, mugabo Imana iriho kandi nizeye ko igiye kumpa uwuzonkunda atari ivy’agahemo. Murakoze."

Ibizobandanya kuri iyi nkuru tuzobibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • NTIVYARIBIKWIYEGUHEMUKIRA UWOMWASHIMANYE NGONINVOZAMARONKO KUKO AMARONKO ARAHERA MUGABO URUKUNDONTIRUHERA. MURAKOZE.

  • Ntavyogutara imisi birimwo, ariko ivyundashaka kobakugirira ndukabigirire uyundi, uyumusi uhemukiye uwomwarimwemeranije kuzokwubaka urugo mbega ejo uwowizeye nawe yobaguhishiye ibanga ryokukubabaza nkuko ubabaje uwowariwarabesheshe nguramukunda? Ivyiy’Isi ntawovyizera nzobanumva!!!

  • Sorry wangu!Ihangane ariko ntugire ikibazo kuko inkumi muri ubu Burundi ziruzuye.Ico womenya kandi ukizera uwo ntiyari rwawe,rwawe aracari quelque part.Hari naho wosanga wagora umurengako araho kubwinjiriro bw’inzu.

  • jew mbanj kuremesha,uwomusor mugenzi wanj yihangan can.uwo mukobwa ntabwo ,aruwi mana yamu teguriy.yihanganecan,uwi mana yamuteguriy ,azomuronka ,kandi mwiza.nakar bavugat, ubwiza bw,umuko ntiburi kumubir ,buri kumutima.harumugan baca muki rundi ,urondera vyishi ,ukabur nivyo warufis.uwo mukobwa muzoba mumbarira,ivyiwe.

  • ncuti ihangane ivyo bibaho...gusa niwaba wokwongera kumubona uze umwibutse ko"uheza kugoka ibigori bikera"...kimwe gusa uzoronka uwundi kuko"ikitabuze mu nyovu ni ishinge"...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.