Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Blaise Compaoré yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire
Blaise Compaoré yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire
mercredi 24 Ruhuhuma 2016, par
Blaise Compaoré yigeze kuba umukuru w’igihugu wa Burkina Faso, mu nyuma agakurwa ku butegetsi yiyamirijwe n’abanyagihugu, yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire, igihugu asanzwe yari yarahungiyemwo. Blaise Compaoré akaba atacitwa impunzi.
Nk’uko bibonekera mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu wa Côte d’Ivoire, Alassane Ouattara, ryashizwe mu ngiro kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2016, ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire bwahawe Blaise Compaoré yahora arongoye Burkina Faso, hamwe na mwenewabo François Compaoré.
- Blaise Compaoré yigeze kuba umukuru w’igihugu wa Burkina Faso
Umutahe mpuzamakungu w’uguhagarika Blaise Compaoré warasohotse, akaba aronderwa ku ruhara akekwako, ku rupfu rwa Thomas Sankara yahoze ari umukuru w’igihugu wa Burkina Faso.
Kuba rero yahawe ubwenegihugu bwa Côte d’Ivoire bishobora kugira ingaruka kuri ivyo yagirizwa, kuko igihugu ca Côte d’Ivoire kidashobora kumufata kandi akaba azokwitwa uwo muri Côte d’Ivoire aho azoba agiye hose, mu gihe ku mpapuro z’ukumuhagarika handitsweko ari umunya-Burkina Faso.
IGIHE
Messages
24 Ruhuhuma 2016, 12:21, par Rusakumba
Blaise Compaore baramubonera, ko batararungika imitahe yo guhagarika abishe Ndadaye Melchior na Sipiriyano Ntaryamira? Igitangaje n’uko bazwi hanyuma amakungu akabirenzaho uruho rw’amazi! Nibashake bareke mugabo ndazi y’uko Abarundi b’umutima bazobifatira.
24 Ruhuhuma 2016, 12:51, par roza kamikazi
sha naho azokwitwa umunyamerika niyaba afise ico yakoze naho azoja he azobazwa ibintu vyarahindutse muri iyisi vyiza yopfuma aja mukuzimu niho atawuzomukwirikirana.
24 Ruhuhuma 2016, 13:38, par KIZITO Jimmy
Abanyafrika niko bapfuy mu gukingiranir ibibi bakoze.bos barica
24 Ruhuhuma 2016, 14:09, par BLAISE MSEVENUE
BLAISE.BIGAP
24 Ruhuhuma 2016, 14:53, par Zoe
@ Rusakumba kuravuga abishe col Bikomagu na Adolphe, kyangwa uramutinya kuko yaguhaye indya?
24 Ruhuhuma 2016, 16:52, par ernest
Aho mukwivugisha ivyo nukugira mwerekane ko mubakunda imyaka10 cumi mumaza kubutegetsi ubuniho mugeze kwibuka imitahe yo guhagarika ababishe aba DD mwarahinyutse ivyovyose ntakindi kibibavugisha Atari izondazanyu ninzigo yakazikira yokumara benewanyu mbe niba mukunda ndadaye na ntaryamira mwobanje mugakunda abobasize ntimuba mwirirwa murabamarira kwicumu kandi niba mubakunda ntaho bigeze bigisha ko uwo mudahuje ivyiyumviro aruwo kumarira kwicumu canke kwigumiza kubutegetsi kusahura itunga ryigihugu gutabagaza ubuzima bwumuntu kwariyo democracy nkuko mwirirwa mubigira igihugu cacu muragihumiye twaritwizeye ko kigiye kwogorora
25 Ruhuhuma 2016, 01:47, par Nakajna
@Rusakumba. Blaise compaore niba utamuzi niwe wakoresheje inama yambere yo kurimbura abahutu (gutangira intambara mu Rwanda yo kuvanaho Habyarimana).Ibyakurikiye urabizi. Njye numva yakanirwa urumukwiye.
25 Ruhuhuma 2016, 11:20, par elika
icihutirwa si ukumuha ubwene gihugu ahubwo vyiza bomucira urubanza akabazwa n’ivyurupfu rwa thomas sankala.
25 Ruhuhuma 2016, 12:10, par nzovu
@ Nakajna,
Iyo ufata Blaise Compaore ukamuzana mubyi Rwanda wumva utameze nku muntu utazi icyo avuga. Wabwira abasoma ibyo wanditse aho iyo nama yabereye, italiki, ukwezi n’umwaka ko numva wigize bamenya? Utangiye kurindigiza abantu nka Rusakumba uvuga ibya Ndadaye na Ntaryamira, niba wowe Rusakumba na benewanyu mudafite ubushobozi bwo kubaza ibyanyu, mujye muceceka mureke gutera abantu iseseme. Niba utazi urugamba rwo gukuraho Kinani uko rwatangiye uzabaze ababizi, cyangwa ugire ubwenge bwo kumenya amateka. Period