Accueil > Amakuru > Amashuri > BMD : Itegeko ritunganya inyigisho zo mu gice ca mbere n’ica (...)
BMD : Itegeko ritunganya inyigisho zo mu gice ca mbere n’ica kabiri
mardi 20 Nzero 2015
Umushikiranganji Yozefu Butore ajejwe inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yatunganije inyigisho mu ntumbero yo kumenyesha abarundi umugambi w’indinganizo zishasha z’inyigisho muri kaminuza BMD ziteye.
Amategeko atatu niyo yashinzwe muri kuno kwezi kwa Nzero nk’uko Yozefu Butore abishikiriza mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 19 Nzero. Irya mbere n’itegeko ritunganya inyigisho zo mu gice ca mbere ca BMD Baccalaureat, hamwe n’izi gice ca kabiri Master. Irindi tegeko n’irijanye no gushinga no gutunganya gushasha inyigisho z’ubuganga mu Burundi hamwe n’itegeko ryerekana ibisabwa, kugira abigisha bifuza gukora mu mashure yisumbuye mu Burundi ivyo bagiye kuzosabwa.
Yasubiye kwibutsa ko uwo mugambi w’inyigisho zishasha washizweho mu mwaka w’2011, ukaba washizweho n’itegeko inimero 1 /22, itegeko ryaje gutunganya gushasha amashure ya kaminuza mu Burundi. Guhera mu mwaka w’2012, amakaminuza ya mbere yaciye atangura kwigisha muri ubwo buryo bushasha, hagati aho ubwo bushikiranganji bwaciye butangura gushiraho no kwemeza amategeko ashigikira iryo tegeko.
Uno munsi inyuma y’imyaka itatu , ikibazo kihari kigisigaye akaba ari ukumenya agaciro k’impamyabushobozi, abanyeshure bazoronswa muri ubwo buryo bushasha. Ikibazo bashimye gukora mu bwitonzi ntangere ata bwihusi nk’uko umuhsikiranganji Yozefu Butore abimenyesha,kuko ari ikibazo gikwiye gukurikirwa n’ibisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.
Ikibazo gisigaye kikaba ari kumenya ingene abazoba bahejeje muri ubwo buhinga bazofatwa ku rubuga rw’akazi bagereranije n’impamyabushobozi bazoronka. Yaciye ahamagarira abanyeshure kwizera ko bizogenda neza mbere akaba amenyesha ko bagiye kuzokorana nabo mu migambi yose izoba ijanye n’uwo mugambi BMD.
Floxella Karire