IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB iriyamiriza igitero cakorewe mu Gatumba gihitana abantu (...)

BNUB iriyamiriza igitero cakorewe mu Gatumba gihitana abantu batatu

mercredi 22 Rusama 2013

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) buratera ivyatsi igitero cakorewe imodoka yunguruza abantu mu Gatumba kuwa gatandatu, igenekerezo rya 18 Rusama 2013, abantu baharurwa muri batatu barahasiga ubuzima.

Nk’uko BNUB ibandanya ibimenyesha mu rwndiko yashize ahabona, ingendo yo gukoresha igikenye mu gushirahabona ivyiyumviro vya politike yarataye umwanya mu gihe igihugu c’Uburundi kiriko gikora ibishoboka mu gutsimbataza amahoro n’intwaro ibereye. Bagasaba abo vyega bose n’imigambwe kuvavanura n’iyo nyifato, bashire imbere ibiganiro, vyo soko y’amahoro n’umubano mwiza mu gihugu.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Parfait Onanga-Anyanga arashima ibikorwa vyateguwe biriko bibera mu ntara ya Kayanza, kuva kuri uyu wa gatatu gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 25 Rusama 2013. Muri iryo huriro, abahurikiye mu migambwe itandukanye baza kwigira hamwe integuro y’itegeko rigenga amatora mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mwaka w’2015.

Parfait Onanga-Anyanga yasavye abanyepolitike bose kwitaba ivyo bikorwa, yongera abasaba guterera ivyiyumviro vyubaka, bizira agashavu. Yabibukije ko amamuko y’iryo huriro ari ivyo basezeranye hagati yabo, mu nama barimwo mu kwezi kwa Ntwarante kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika irya 13, yongera amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’amakungu muri rusangi bariko bakurikiranira hafi ibikorwa vy’iryo koraniro.

Uwo aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi akaba arangiza amenyesha ko afise icizere ko ikiyago kiriko kibera mu ntara ya Kayanza hagati y’abanyepolitike kizofasha guhanahana ivyiyumviro ku nteguro y’itegeko rigenga amatora, gutyo rimaze kwemezwa n’inzego zibijejwe rizofashe gutegura amatora yizewe, yigenga, yo ku mugaragaro kandi yemewe na bose mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.