Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB yasavye abanyeporitike ko boganira
BNUB yasavye abanyeporitike ko boganira
mercredi 12 Ntwarante 2014
Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB : Bureau des Nations Unis au Burundi) burarajwe ishinga n’icuka kibi ca poritike gishobora gukwegera igihugu mu ntureka nk’uko vyibonekeje mu mishamirano iheruka kubera mu Kinindo hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD. Muri BNUB babona ko inyishu y’ukwo kutihanganirana muri poritike ari uko abanyeporitike boja hamwe bakaganira kuvyo badahurizako.
Mw’itangazo ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoye, bamenyesheje ko umwanya Uburundi bwarimwo atari uwo gucanamwo, ahubwo ko abarundi bari bakwiye kuja hamwe kugira bategure amatora yo mu mwaka w’2015, ari nayo abaye meza atsimbataza intwaro rusangi n’amahoro. Kugira iyo ntwambwe ishikweko, ikiyago canke ibiganiro hagati y’abo vyega bose birakenewe, ari navyo bifasha kwubakira ku vyiyumviro vya bose mu ntwaro rusangi. Kubw’ivyo rero, BNUB yibutsa abanyeporitike ivyo biyemeje mu rupapuro rw’inzira, muri Ntwarante umwaka w’2013, aho biyemeje kwirinda gukoresha inguvu, ahubwo bakumvikana ko bazokwama baja inama ku bibazo bizoba bibahanze.
Iryo tangazo rya BNUB rimenyesha ko hari hageze ko abanyeporitike batahura ko ibiganiro vyubaka, kandi vy’ukuri arivyo bizotuma ihumure rigaruka mu gihugu, abanyamitahe nabo bakaba ariho bazoshobora guhurumbira kuzana ibikorwa vyabo mu Burundi, iterambere riheze rirame.
Egide Nduwimana
Messages
12 Ntwarante 2014, 11:11, par karori
mubihugu vyateye imbere hagize n.umunyagihugu n,umwe akomereka canke akabura ubuzima umukuru wigihugu arahumuriza abanyagihugu ariko hiyo mu burundi umengo president wacu ibiriko biba mugihugu ntavyo abona canke umengo ntaco bimubwiye turasavye umukuru w,igihugu nyenicubahiro araber ibiriko biraba m,uburundi hama atange umuco canke agire ico ashikiriza abanyagihugu buburundi murakoze
12 Ntwarante 2014, 11:25, par NN
Nibazako kuganira bidakenewe niba ivyavuye mubiganiro vya bose bitokurikizwa nka bimwe vyo mukayanza,kigobe n’ahandi!!Vyopfuma batirirwa barata umwanya Adolphe akica ukw’ashoboye hama hakazobahoabasigaye kuko ari nayo ntumbero ya KANYESHAMBA DD yahisemwo gufata kuri bene Burundi batavuga rumwe!!
12 Ntwarante 2014, 11:48, par Nkuri
Ewe karori uracasaba uracariko ubwoharuwobewe yuko ibivyose birikuba katariwe atangamategeko?baramuvumbuye ibivyose nukubwamatora yavuze kwarigukurikintucose cozakimubuza kwitoza muri2015 nivyabangombwa na maraso aseseke none ntimubibona?nabibonye kuri www.image.com ibivyose wibaza kwatabizi?ntabwenge mumusumvya nukunikumutwe akigira nkuwutabona
12 Ntwarante 2014, 13:11, par sivyubu
uwomugabo petero narangize mandat yiwe agende niwarikatuma ibivyose biba,ivyatakoze murinyakatwaye ntahendabarundi bizokorabandi igihugu sitoryo yarazwe nase nagende
12 Ntwarante 2014, 16:03, par ntandaroyavyose
Jewe nifuriza Uburundi nabarudi ko bojambere. Intambara hose yama itanguzwa nuko amareta yankira iyindi migambwe ko ikorere kumugaragaro. BNUB iriko irahanura,USA yarahanuye,le29/03/14 hazoba imyiyerekano i washington DC bereke amakungu koubutegetse bwa Peter buzingamitse democratie.
13 Ntwarante 2014, 08:19, par Nelson
Erega umukuru wigihugu siwe atwara hatwara abajenero none karibo bafata ijambo.Ubu wombwirako ibiba atabibona??igihe yari muri rirare yavuzeko uwuzocokoza inzego zumutekano azorwa yubamye,woba urise barundi ukavuga nkuko??kimwe gusa abategetsibenshi bari bameze nkawe iherezo ryabo ryabaye ribi.