Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BNUB yiyemeje guhuza Reta n’abanyepolitike bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > BNUB yiyemeje guhuza Reta n’abanyepolitike bose

BNUB yiyemeje guhuza Reta n’abanyepolitike bose

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika 13 Ntwarante 2013 hazokoranira i Bujumbura inama idasanzwe yatunganijwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi BNUB. Hatumiwe imigambwe yose cane cane iyiri muri Reta n’iyitavuga rumwe nayo harimwo n’abanyepolitike bahunze u Burundi.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Kin Moon yavuze ko ONU yiyemeje gushigikira no gukora ibishoboka vyose kugira mu Burundi ukutumvikana hagati ya Reta nabo batavuga rumwe bihere.

Parfait Onanga-Anyanga atwara BNUB nawe yamenyesheje ko iyo nama ari intambwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira habe icuka ciza muri politike. Ngo ni mu ntumbero yo gutegura amatora meza adahengamye mu mwaka w’2015.

Amenyesha ko ibiro vya ONU mu Burundi vyatumiye abaserukira imigambwe yose yemewe n’amategeko.

Parfait Onanga-Anyanga avuga ko ibibazo nyamukuru bizovganirwa ari bibiri. Ica mbere ngo ni ukuraba neza no guca hirya no hino ingorane n’utunenge vyibonekeje mu matora yo mu mwaka w’2010. Igituma hari imigambwe itavuga rumwe na Reta yisokoye muri ayo matora n’ibindi bitagenze neza inyuma y’ayo matora.

Ica kabiri ngo ni ukuraba neza ingene icuka ca politike cagiye kirahindagurika kuva amatora aheze, ingene habayeho ukumvikana hagati y’imigambwe iri muri Reta n’iyindi itari muri Reta n’ingene agateka ka zina muntu kifashe. Ikindi naco kitazohara muri ivyo biganiro ngo n’ingene amatora yo mu mwaka w’2015 yotegurwa neza, abo yega bose bakayitaba cane cane abanyepolitike bahungiye hanze.

Ubuserukizi bwa ONU mu Burundi bumenyesha ko ico gikorwa ONU yiyemeje buzokirangura gushika ku mpera. Parfait Onanga-Anyanga yibutsa ko ONU yiyemeje gushigikira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ngo ntankeka, muri iyo nama bazoganira n’ivyerekeye kugabura ibibanza bizoba vyabonetse inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2015.

Ivyo bishitse mu gihe inama y’umutekano ya ONU iherutse kwongereza ikiringo c’ibiro vyaryo mu Burundi BNUB c’umwaka wose, kizorangira mu mwaka w’i 2014.

kw’ifoto: Parfait Onanga-Anyanga, atwara BNUB


Pierre Claver Niyonkuru na Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.