IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB yongewe ikiringo gushika kuwa 31 Kigarama 2014

BNUB yongewe ikiringo gushika kuwa 31 Kigarama 2014

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Inama nkuru ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yaremeje umurwi wo gukurikirana amatora mu gihugu c’Uburundi, kuva imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora.

Kuri uyu wa 13 Ruhuhuma uyu mwaka, iyo nama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ikaba yarafashe iyindi ngingo ikomeye, yo guha ikiringo BNUB gushika mu mwaka w’2014, igenekerezo rya 31 Kigarama. Inyuma y’iryo genekerezo hakazoba hatanguye uwundi murwi uzoba uriko ukurikirana amatora mu Burundi.

Inama nkuru y’umutekano rero ikaba ishimisha n’ivyumvikanywe n’abanyeporitike mu ntara ya Kayanza, mu biganiro vyahuje imigambwe na Reta y’Uburundi, n’ugushira mu ngiro ivyo imigambwe yemeranije na Reta, eka ndetse n’ugutegura amatora meza yiyumvamwo bose. Inama nkuru y’umutekano, ikaba itera intege Reta y’Uburundi kurwiza inguvu, mu gutunganya neza igisata ca poritike, ubutunzi, intwaro no kurwanya igiturire.

Tukabamenyesha ko ishirahamwe BNUB ryatanguye mu mwaka w’2006 rije gufasha gutsimbataza amahoro, hagati ya Reta n’imirwi ya rwana harimwo CNDD FDD, no gufasha gutsimbataza intwaro, kwaka ibirwanisho imirwi yarwana ico gihe, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Messages

  • ahubwo bayihe indaro kuko ntiduteze kugira amahoro niyi dd

  • Eka no muri 2014 fin de l’annee eka nta bnub iriko irahava mbega wibaza ko bahumirije batabona ko igihugu atako cifashe , ngira bibaza ko babona barungika abasoda hanze ngo vyose ni vyiza, eka barazi ko dukenye turondera amahera aja mumizeze yacu.

  • Ega abazungu babasunvya ubwenge.baraziko umusirikare w’uburundi agowe, nogufasha kurimwo,mwibazako aruko boba bishimira kurwa mumahanga? Ahibambewe mubanigiwe mumenshi barimwo nabo barabizi bakitanga mukwironderera,nkumuswi utagira nyina

  • CNDD-FDD muyanka canke muyemera,dutegerezwa kuzoyitora 2015 mbere ninyuma yahoo,ntawanka kwonka nyina ngwagwaye AMAHERE,ahibambewe izotogwa ,vyiza vyabantu.nitwe tuzi aho yadukuye,ntituribagira inzirakarengane zishwe zituriwe namapine,izindi zikaraswa,tutibagiye abasogoswe nimigano.ntitwibagire ABANA bibuta,kibimba,gitega,nahandi,BUNUB niyo izotubera icabona,mwibuke ko2010 yemeje kwamatora yagenze neza cane.muga ntibaretse guhunga IGIHUGU ngo bibwe AMAJWI.nimwemere mutwagwe neza mutayogora,kunda ibikorwa n,IMANA benewacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.