Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Boeing Dreamliner zabujijwe gufata ingendo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Boeing Dreamliner zabujijwe gufata ingendo

Boeing Dreamliner zabujijwe gufata ingendo

vendredi 18 Nzero 2013

Ubuyobozi bushinzwe gukurikirana ivy’indege kw’isi bwafashe ingingo yo kubuza indege zo mu bwoko bwa Boeing Dreamliner kuguruka ziva ku kibuga c’indege kuko zifise ingorane zoshobora gutuma zotera amasanganya.

Boeing Dreamliner n’indege zikozwe mu buhinga bwa none bugezweho kurusha izindi zose ziriho gushika ubu. Ibihugu vya buraya, Quatar n’Ubuhindi vyabujije izo ndege kuguruka imyuma y’umusi umwe uheze iyo ngingo ifashwe n’ibihugu vya buraya ,Leta zunze ubumwe za America na chili.

JPEG - 21.2 ko

Izo ndege zo mu bwoko bwa Boeing Dreamliner zishika 50 akaba arizo zikora mu mihingo itandukanye kw’isi,kandi mu ndwi ziheze izo ndege zikaba zagiye ziragira ingorane zikomeye,harimwo n’ukwiyadukiza kw’umuriro.

Ishirahamwe LOT ryo mu gihugu ca Pologne ari naryo rifise ubwoko bw’izo ndege iburaya ikaba yamenyesheje ko ishobora gusaba Boeing indishi y’akababaro.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.