Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Boko haram yanyuruje abashinwa cumi
Boko haram yanyuruje abashinwa cumi
lundi 19 Rusama 2014
Abashinwa icumi banyurujwe n’abarwanyi ba boko haram mu gihugu ca Cameroun, boba bajanywe muri Nigeria, nk’uko bivugwa n’umwe mu basirikare bo mu karere abanyurujwe barimwo.
Kugeza n’ubu rero, amakuru y’abo bashinwa banyurujwe akaba ata n’umwe ayafise nk’uko bivugwa n’umwe mubaporisi b’ipete ryo hejuru waho mu gihugu ca Cameroun, ariko akavuga ko amatohoza abandanya kugira barabe ko abo banyamahanga banyururijwe mu gihugu cabo, bogarukanwa, ariko akavuga ko ayandi makuru avuga ko boba bajanwe muri Nigeria.
Abanyagihugu rero bo muri Cameroun bagatangazwa n’ingene boko haram yigeze sura ivu mu karere, mu gihe yaba Nigeria canke Cameroun vyose bidasiba kwerekana ibirwanisho ku minsi mikuru yo kwibuka ukwikukira kwavyo, aho za kajugujugu z’ingwano, ibimodoka vy’ingwano, inkoho zikomakomeye, n’ibindi vyerekanywe, ariko hagera gutuza boko haram igandagura abantu uko bukeye uko bwije, ukanyuruza abanyamahanga, biba ingora bahizi.
Mukamenya ko abo banyurujwe, batwawe igihe boko haram yatera mw’ishirahamwe ry’ubwubatsi ry’abashinwa aho mu gihugu ca Cameroun, umusirikare umwe aragandagurwa, abo bahakora nabo, baca baranyuruzwa.
Aristide Nizigire
Messages
19 Rusama 2014, 15:10, par NKESHIMANA
Iyo Boko Haram nimba vyarananiranye kuyituza barapfuma batumako abasirikare b’Abarundi icobikorera gatoya ahandiho ndumvako vyananiranye.
20 Rusama 2014, 02:00, par Inkotanyi
Ewe reka kubesha ngo batumeko abasirikare b’abarundi? izo bonerakure ico bazi nugufunga des innocents wewe ubwo Burundi bwanyu bwaguye mumanga kera genda wifatire aga cupa(beer)
20 Rusama 2014, 18:20, par Pauline
Fix
20 Rusama 2014, 23:11, par mutabazi
Ndabona Boko Haramu imeze nk’abasoda ba FPR kagame cyangwa babandi bamaze abahutu i Burundi 73. Kuko nta mbabazi bagira.
21 Rusama 2014, 15:11, par kizito J.pierre
Birabonekako prezida wa Nigeria Arafisemo Uruhara none Kuberiki ntafate ingigo
21 Rusama 2014, 23:53, par kizito j.pierre
Abo Babokoharamu bihaye ingumbi murico gihugu Baranyuruza,baraturira vyuguturira,barica abantu ukobigombeye,Igihe bokoharamu yica abagera ku 300kumusi umwe nukuvugayuko mumitweyabo s’abantukandi nibikoko, bikwiyeko vyofatirwa ibihano Ruhasha kandi vyihuta/tura abanyamahanga ariko biratubabaje