Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Boko haram yatanguye gukizurwa mu mpisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Boko haram yatanguye gukizurwa mu mpisho

Boko haram yatanguye gukizurwa mu mpisho

jeudi 22 Rusama 2014

Abasirikare bagera kuri 80 bo muri Reta zunzubumwe z’Amerika nibo barungitswe mu gihugu ca Tchad kurondera abanyeshure baheruka kunyuruzwa n’umuri wa boko haram mu gihugu ca Nigeria.

Abo basirikare bo muri Reta zuzubumwe z’Amerika bakaba bakurikiranira hagufi mw’iperereza ryabo, ibikorwa vy’abo barwanyi kugira abigeme bashika ku 223 banyurujwe n’abo barwanyi ba boko haram bagarukanwe. Abo basirikare ba Reta zunzubumwe z’Amerika bakaba batazova aho muri Tchad vuba, kuko bategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira abo bigeme basubizwe mu miryango iwabo.

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amrika kikaba giheruka kurungika muri ico gihugu ca Tchad indege zimwe zirasa n’isazi, kugira zigenzure uburere bwose bwo mu gihugu ca Tchad burimwo izo nkozi z’ikibi, mu bikorwa vyo kugarukana abo bana. Mukamenya ko inkozi z’ikibi za boko haram zibandanya kunyuruza no kwica abantu mu gihugu ca Nigeria.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.