IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bonesha FM yabaye iyambere mu gushikiriza amakuru menshi kandi (...)

Bonesha FM yabaye iyambere mu gushikiriza amakuru menshi kandi meza

vendredi 8 Myandagaro 2014

Insamirizi BONESHA FM niyo yabaye iya mbere yatanze inkuru z’akanovera kandi nyinshi zitandukanye hagati y’ukwezi kwa Munyonyo 2013 n’ukwezi kwa Ndamukiza uno mwaka w’2014, nk’uko tubikura mu cegeranyo cakozwe n’ikigo OPB.

Ikigo OPB (Observatoire de la Presse au Burundi) casohoye icegeranyo c’icigwa cakozwe, bakaba basanze insamirizi Bonesha FM ariyo iza kw’isonga, kuko ariyo yatanze inkuru nziza z’akanovera kandi nyinshi mu kiringo co hagati y’ukwezi kwa Munyonyo umwaka w’2013 gushika mu kwezi kwa Ndamukiza uno mwaka w’2014.

Innocent Nsabimana yashikirije ico cegeranyo kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Myandagaro 2014, akaba yamenyesha ko ico cegeranyo cakozwe ku nsamirizi ya Reta n’iz’abigenga, i Bujumbura. Muri izo nkuru rero zagiye zitangwa muri ico kiringo, ahanini akaba ari inkuru zijanye na politike, intwaro ibereye hamwe n’umutekano.

Tubamenyeshe ko ico cegeranyo cakozwe ku nsamirizi zitandatu arizo Bonesha FM, Insamirizi n’imboneshakure y’igihugu, RPA, Rema FM, Isanganiro hamwe n’Insamirizi Renaissance.


Floxella Karire

Messages

  • Franchement, le classement de la Radio Bonesha FM est objectif. Je n’ai trouvé de média équilibré que la RSF Bonesha, quelques soient les sujets traités.

    Je viens de passer une bonne période àconfronter les différents reportages par les médias burundais. Au moment où j’ai été obligé parfois d’entrer en désaccord avec les reporters et leurs rédactions pour mauvais traitement de l’information pourtant recueillie en même temps, je me réjouis que ce médium me garde de toute considération.

    Félicitations àla Rédaction et àla direction de cette station qui fait la fièrté des professionnels de l’information. Dit-on "Ubuntu burihabwa."

    Tharcisse Mani.

  • biraryosh kand biraberey bakomez baturonderer inkuru ziryoshe zakanovera.

  • Nukuri nanje ndabishigikiye.

  • Iyo nkuru ni nziza kandi nanje ndakunda RSF Bonesha FM kubera makuru yabo ari equilibre. Ahubwo ndatangaye kubona Renaissance FM et Tele atarizo ziri muri ico ibanza naho iki cigwa cakozwe na OPB irongowe na Mr Innocent Muhozi akaba ari nawe arongoye iyo radio na tele! None avugutira umuti abandi nawe adashaka kuwunywako? Ahantu hamwe muri Bible havuga ngo, "Ntushake gukura agatosi kari mu jisho rya mugenzawe imbere yuko witosora inkingi (poutre) iri mu ryiwawe." Nizera ko ahakuye icigwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.