Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Boston: Patiri atoye ubwenge yari yapfuye yemeje ko Imana ari (...)
Boston: Patiri atoye ubwenge yari yapfuye yemeje ko Imana ari Umugore
lundi 23 Ruhuhuma 2015
I Boston umurwa mukuru w’intara ya Massachussetts hari umupatiri yagiye kwa muganga afashwe bukumbi n’indwara y’umutima amaze umwanya ashitse mu minwe y’abaganga, niho batangaza ko yapfuye. Uwo mupatiri asubiye gutora ubwenge yavuze ko yagiye mw’ijuru maze ahura n’Imana, aca yemeza ko Imana ari ingore (femelle).

Inkuru iriko ica ku binyamakuru bitari bike vyo kw’isi ni iy’umupatiri azwi kw’izina rya John Micheal O’neal. Uwo wanyuma afise imyaka 71, yatwawe kwa muganga kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2015 afashwe bukumbi n’indwara y’umutima. Ashitseyo nta mwanya munini yamaze, abaganga bavugako yapfuye ariko bagumye bagerageza n’ivyuma vyabo. Bakoresheje icuma LUCAS2, abaganga barashoboye kugabanya ivumbuka ry’imirindi y’amaraso yava mu bwonko bw’uwo mu patiri maze arasubira gutora ubwenge.
Nk’uko amakuru dukura mu kinyamakuru Daily Monitor, Patiri John Micheal O’neal yatoye ubwenge inyuma y’iminota 48. Yaciye yemeza ko yagiye mw’ijuru akabonana n’Imana, yongera avugako yasanze Imana ari Umugore ariko afise ubugwaneza kandi aruhura.
Patiri John Micheal O’neal agira ati:" Ndayibonye narakangutse ariko ncansubira ngira ihumure. Ijwi ryayo ni nk’iry’umugore kandi riroroshe kwumviriza kandi Imana ifise ibishobisho nk’ivy’umuvyeyi. Kuba nabonye Imana ari Umugore Mweranda atari Data Mweranda (Sainte Mère au lieu d’un Saint-Père) ntaco vyambwiye gikuru n’uko yombera ico ndamwipfuzako".
Iyo nkuru imaze kuvugwa kw’isi, yarateye ingorane mw’ishengero rya Catholika yatumako inama kugira ihumuriza imitima yongere ibeshuze ivyo Patiri John Micheal O’neal. Ariko wewe ntiyemera ivyo bavuga kandi yemanga ko azoguma akwiragiza ubutumwa yakuye mw’ijuru.
Agira ati:"Nzobandanya nkwiragiza ubutumwa, nshaka gusangira ubumenyi bushasha bw’Umuvyeyi, bw’Umwana na Mutima Mweranda hamwe n’aba Catholika eka n’aba Kristu bose. Imana ni nkuru kandi irakomeye naho ari Umugore"(« Je souhaite continuer à prêcher », a dit le vieux prêtre. « Je veux partager mes nouvelles connaissances de la Mère, du Fils et du Saint-Esprit avec tous les catholiques et même tous les chrétiens. Dieu est grande et toute puissante en dépit d’être une femme… »"
Inama nkuru ya Catholika y’i Boston ntiyemera ivyo Patiri John Micheal O’neal avuga, ashobora n’ukudasubizwa mu mabanga yiwe. Umwungere mukuru wa Catholika i Boston, Sean P. O’Malley yasohoye urwandiko ruvugako Patiri John Micheal O’neal yagize ihahamuka rivuye ku bwoba bwo gupfa, ariko ko Imana atari Umugore.
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Ruhuhuma 2015, 17:43, par Edouard
Erega ugiye kubiraba Imana numugore basiiiiiiiiii akaryoshe karii iwabo nibo batwibarutse ............ ba suporta amakuba menshi kandi jewe nasomye ayandi makuru ko umugore bishitse akitaba Imana ari kwibaruka aja mwijuru dirrect kandi umugore yavyaye hamwe ningumba ko batazohanwa kimwe kubo
24 Ruhuhuma 2015, 12:29, par hatungimana
C’est sans doute que ivyamubaye kuri uyo mupatiri,bivanye nuko amagara yiwe yaramukitse kugera aho atakaza ubwenge ivyo bishobora kuba vyamuteye kuba nkuwuri mundoto, kuko Bible ntaho igaragaza itsina c’imana,ikavuga ko atawabonye Imana ngo asubire kuba muzima,Imana si umuntu! Imana ni impwemu!Ivyo rero ntibitemvye abahagaze kuko ivyo yavuze nikinyoma cambaye ubusa!
24 Ruhuhuma 2015, 13:06, par BUTOYI Jeannine
Jewe numva ari ibisanzwe yaba umugabo yaba umugore essentiel n.ugukora ico ishaka !!ivyerekeye igitsina nta importance bifise!!
24 Ruhuhuma 2015, 18:50, par Joshua
imana yabgiye ab’isilayeli iti"nzobabera so namwe mumbere abahungu n’abakobga"dufatiye kuri biblia ivyo ni ikinyoma gihenye kuko na yesu yakunda kuvuga ati"data niwe yantumye data ndaguhimbaza...etc.ico mbona uko ni ukutamenya kwinshi afis.menya ijambo ry Imana Bene Data.
24 Ruhuhuma 2015, 18:59, par mukirisu beata
Mbega abagabo barihaye tous les pouvoirs kugezaho bateba baga contesta ico uwemezako yabonye Imana kandi ari igore. Mbega se bibatwaye iki ko iguma ari Imana yo nyene!!!
Abo bapatiri bafise ubwoba ko Imana yoca ibakura kuko nabo nyene bafise une relation dominante sur les Soeurs.
Par ailleurs, imana ko ari impwemu (canke imiyaga ku bandi), umuntu wese rero yiha ishushanyo yayo. Uwo yamubonyemwo umugore nta caha yokwagirizwa.
24 Ruhuhuma 2015, 20:06, par J.Baptiste.
Haaaa!!!! Patiri Yari Yaravye.Ntamana Yabonye Ivyontawovyemeza.
24 Ruhuhuma 2015, 22:28, par Ikijuju
Hemwe mugabo naho ndi Ikijuju, umengo hali abapatiri b’ibijuju kundusha.
3 Ntwarante 2015, 07:44, par Elie Mpawenayo
<:Emwe ntayo yabonye.kuk ntiyar kuza avuga kw,aringore ninayo mpamvu abamutwar bavyamagira kure.ntawuz kwar ingore canke ingabo nibamureke yari yirwariye.:>
19 Ntwarante 2015, 06:02, par Seth Said
twebwe aba islam bomugihugu ca malawi lilongwe,iyonkuru yuwo mupadiri turayibeshuza!ariko ibihugu vyose vyoba bishira imbere umukenyezi kurusha abandi nka malawi,iyomana yingore niyobasenga!
20 Ntwarante 2015, 10:35, par manirakiza sygesper
Yarahahamutse koko
22 Ntwarante 2015, 22:04, par Kabura Mérthus
Yoooo! Nibarabe Neza Yabanye Touble Mental Kw Isi Nzima Twemera Imana Y’ingabo Uwo Nibamusuzume Mumutwe
7 Ndamukiza 2015, 14:10, par sibomana adrien
uwo muparangane wumu patiri avuga ngo imana ngo ni ngore ahubwo mufate mumufunge nakare yari yarapfuye.
8 Ndamukiza 2015, 13:45, par ntihebuwayo jean berchimas
abasazi baragwira pe! na yezu yaravuzeko Imana ari data kandi yongerako kafise ikibanza iburyo bwa se. urumvako imama atari ingore!
10 Ndamukiza 2015, 19:51, par YVETTE
EMWE NUBWAMBEREEEEEE! KARABAY
10 Ndamukiza 2015, 19:53, par YVETTE
EMWE NUBWAMBEREEEEEE! KARABAY
29 Ndamukiza 2015, 21:06, par blecia
MURARABE NEZA NUBUSAZA BURIMWO ASHOBORA GUTA UBWENGE KUBERA YAGIYE MURI COMA
29 Ndamukiza 2015, 22:55, par Innocent
EMWE NDAJEGEYE NGWIMANA NINGORE!
29 Ndamukiza 2015, 22:56, par Innocent
EMWE NDAJEGEYE NGWIMANA NINGORE!