Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Boutros Boutros Ghali yasezeye isi
Boutros Boutros Ghali yasezeye isi
mardi 16 Ruhuhuma 2016, par
Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Boutros Boutros Ghali, umunyamisiri, yasezeye isi ku myaka 93. Niwe yabaye umwarabu wabaye ashinzwe ayo mabanga akomeye y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Boutros Boutros Ghali yaguye mu bitaro vy’i Kayiro.
Amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo mu Misiri avuga ko mu ndwi iheze, kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2016, umukuru w’igihugu wa Misiri, Abdel Fattah el-Sisi yavuganye kuri terefone ngendanwa na Boutros Boutros-Ghali aho yari ku musego mu bitaro, amushimira ku vyiza yakoreye igihugu, yongera amwipfuriza gukira.
- Boutros Boutros Ghali yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Boutros Boutros-Ghali yitavye Imana kuri uwu wa kabiri, yavukiye mu Misiri kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo umwaka w’1922, akaba yabaye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva mu mwaka w’1992 gushika mu mwaka w’1996.
IGIHE
Messages
16 Ruhuhuma 2016, 21:51, par NKURABANKA DIDACE
Que la terre lui soit légère. Condoléances également à la famille éprouvée, aux amis et connaissances de cette importante persolite.
16 Ruhuhuma 2016, 22:04, par Genda
Ni agende yananiwe no guhagarika Kagame yateguye akongera agashira mungiro génocide mu Rwanda hanyuma akaja ku maradiyo ngo abatutsi bariko baricwa ariko ariwe amara abantu. Nta numwe yoririra umukuru wa Onu nkuwo.
Biriko biba co kimwe n’umukuru wa Onu muri iki gihe, kuko adashobora kuvugisha ukuri aho kuri ngo yubahuke abwire Kagame n’abakorezi biwe bashaka kwiyusura mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika mu gusubira gusese amaraso mu Burundi bakoresheje uburyo n’amayeri bakoresheje muri 94.
Ariko Imana irahora ihoze.
17 Ruhuhuma 2016, 08:26, par INTAGOHEKA
NIVYIZA CANE KOYITAVYIMANA AMENYESHEJE KWIHONY ABWOKO RYABAYE MUGWANDA AMERICA UBWONGEREZA UBUBIRIGI NIBINDI BIHUGU NKUBUFARASA BIRIMUVYATEGUYIHONYABWOKO MURICOGIHUGU KUBERA YABASAVYE KUJA GUTABARA BOSE BAKISHURIRA RIMWE OYA OYA OYA NIBA RERO YASENTARE MPUZAMAKUNGU YA LAHE IDAHENGAMYE NIBATE MURIYOMPI ABARABATEGETSI BIVYO BIHUGU ABANYAFRICA RERO HARAGEZE KO MUKANURA MUKABONA KUGIRA TWIKUREKO BAKAVAMAHANGA
17 Ruhuhuma 2016, 15:04, par NIYIBARUTA MENARD
KAGAME WEWE YARAMUNANIYE ARIKO NGO UBURUNDI NAGENDE TWESE NIYONZIRA TUZOFATA
19 Ruhuhuma 2016, 07:36, par NTAKARUTIMANA METHODE
IMANA NIMWAKIRE YARINTWIBUSHITSE