Accueil > Amakuru > Mu makungu > Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuja kuba muri Afrika (...)
Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuja kuba muri Afrika y’Epfo
vendredi 30 Rusama 2014
Abakinyi rurangiranwa kw’isi mu gukina amareresi (Hollywoodienne) bazwi kw’izina rya Brad Pitt na Angelina Jolie bafashe ingingo yo kuva mu gihugu Amerika bakaja kuba mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
Gukina ireresi nshasha bikaba biri mu vyatumye abakinyi Brad Pitt na Angelina Jolie bafata ingingo yo kuja kuba muri Afrika y’Epfo, mu gisagara ca Johannesburg.
Brad Pitt na Angelina Jolie hamwe n’abana babo batandatu.Bakaba bashimye kuja mu nzu iri muri karatiye ya Sandhust irihwa ku kwezi, amafaranga agera ku 7 600 y’amadorari y’amanyamerika.
Gushika ubu, ntawuramenya igihe bazomarira mu gihugu ca Afrika y’Epfo, n’umugambi wo gukina iyo reresi baje gukina, bakaba batarawumenyesha. Mwomenya ko igihugu ca Afrika gisanzwe gikundwa n’abakinyi b’amareresi (hollywoodienne) batari bake, kuko ari igihugu coroshe gukiniramwo mbere n’amafaranga yo gukinisha amareresi akaba abayabaye ugereranije no mu bindi bihugu vya rutura kw’isi.
Messages
30 Rusama 2014, 16:57, par renovat
tubahaye ikaze kuri uno mugabane wacu ushaje kubutaka bwa Mandela.
30 Rusama 2014, 22:10, par adama
iyo article ubwayo yari nziza ariko hariho akajambo mwagumye mwandika nibaza ko ata sens gafise: "hollywoodienne". turazi ko kavuy mw’ijambo "hollywood" mugabo iyo mwanditse "hollywoodienne" ntigasubira gutahurika.