Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Brarudi igarukanye SAT-B kuri Scene mu giteramo co kuri uyu (...)
Brarudi igarukanye SAT-B kuri Scene mu giteramo co kuri uyu w’Imana
vendredi 29 Ntwarante 2013
Inyuma y’igihe kirekire uwo muririmvyi SAT-B ataboneka kuri scene dore, abantu benshi bibaza aho yagiye. Ubu azoboneka kandi ku musi wa mungu kuri Lycee Nyakabiga, mu giteramo categuwe na Brarudi.
Ico giteramo kikazoba gifise intumbero yo gushigikira ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura, hakazoba ari kuri uyu w’Imana wa pasika kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013.
Nkuko avyivugira we nyene, araryohewe cane gusubira kuririmba imbere y’abakunzi biwe, kuko yarakumbuye nkuko nabo bari batari baherutse kumubona aririmba.
Yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko avyiteguriye bimwe biboneka kandi ko azobanezereza na twa turirimbo twiwe dushasha, yakoreye kwa wa muhinyanyuzi rurangiranwa Washington wo mu gihugu ca Uganda, aho yaramaze iminsi itari mike.
Uyu muririmvyi arangiza ahamagarira abakunzi b’umuziki bose kwitaba ico giteramo kandi akabwira abafise umutima wo gufasha bose ko bakwiye kuza ari benshi maze hakaboneka imfashanyo ikwiye yo gushigikira ababuriye amatungo yabo mw’isoko nkuru y’i Bujumbura.
Sengurebe Joel