Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brarudi yagabanije ibiciro vy’inzoga mu mugambi wayo witwa Promotion - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Brarudi yagabanije ibiciro vy’inzoga mu mugambi wayo witwa Promotion

Brarudi yagabanije ibiciro vy’inzoga mu mugambi wayo witwa Promotion

mardi 4 Kigarama 2012

Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryaratanguje ico ryita Promotion yo kugabanya ibiciro vy’inzoga kugira abazihereza basubiye kubihurumbira. Ni mugihe abasoma akayoga bari bagabanutse kuko hari hiyongereyeko amafaranga ari hagati y’150 na 200 kw’icupa rya Primus na Amstel.

Haraheze hafi ukwezi ikinyobwa ca Amstel kivuye ku mafaranga 1500 kija ku mafaranga 1300, nayo Primus iva kumafaranga 1200 ija ku mafaranga 1050 ariko rero gushika uyu munsi nta tangazo rirasohoka haba ku ruhande rwa reta canke rw’ishirahamwe Brarudi ryovuga ko ivyo binyobwa vyabagabanijwe ibiciro.

Ihinguriro Brarudi ryabicishije muco yise Promotion haraheze hafi ukwezi. Bene ubunywero bwabereyemwo iyo promotion basubizwa na Brarudi ayo mafaranga agabanywa ku muguzi amajana abairi kuri Amstel n’ ijana na mirongo itanu kuri primus kw’icupa ryagurishijwe.

Naho Brarudi idashima kubivuga, ngo ryoba ryasanze kuva aho ibiciro bigiye biraduzwa, abanywanyi b’izo nzoga bagiye baragabanuka bivuye kugudashobora kubigura kuko ibintu vyose vyadugijwe ibiciro imiryango ica ihitamwo kwihanganira ibinyobwa canke kubigabanya. Ivyo vyemezwa na bene ubunywero bavuga ko ata n’umwe akinywa nk’uko yahora bitaraduzwa. Ng’uwahora anywa Amstel zine kumunsi ubu anywa zibiri kandi rimwe rimwe nk’uko bivugwa n’umudandaza w’ivyo binyobwa muri commune Nyakabiga.

Ivyo biciro bitanguye kugabanuka ngo ikaba ariyo nyishu Brarudi yoba yatoye ngw’irabe ko bosubira kugwiza abavyihereza kuko ngo basigaye babura aho bashira izo Brarudi iba ihejeje kugana zigasanga ibikono bicuzuye hakabura n’amacupa kuko ngo abafise aho zibikwa bita Depot uwahora aja kurangura muri Brarudi kabiri mu ndwi asigaye agenda rimwe gusa. Ivyo bikavugwa n’umudandaza arangurira muri Brarudi kugira abandaza bato barangurire iwe.

Abanywanyi b’iryo shirahamwe babona ko hashobora kuba hari ukutumvikana hagati ya reta na Brarudi mugihe reta yo ishaka ko ibiciro biduga kugira ironke ikori itaravye izo mpungenge za Brarudi kuri ivyo biciro bituma abanywanyi babiheba.

Amashirahamwe yigenga ari kumwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta ntibasiba kwiyamiriza iryo duzwa ry’ibiciro kuri ivyo binyobwa mu guhamagarira abayoboke babo kutihereza ibinyobwa vya Brarudi mu bihe bimwe bimwe mu kwerekana akababro kabo.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.