Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bresil : Abarorerezi b’inkino bahindukiriye ubwiza bw’umwigeme (...)
Bresil : Abarorerezi b’inkino bahindukiriye ubwiza bw’umwigeme Axel
dimanche 29 Ruheshi 2014
Abantu bagiye kuratira ijisho muri Bresil mu nkino ziriko ziberayo, hari umukobwa bose batangarira kubera ubwiza bwiwe. Ubu bigeze aho abantu bose bipfuza kumuronka, abandi nabo bakipfuza n’imiburiburi kuronka amafoto bari kumwe.
Axel Despieghelaere yatowe nk’umurorerezi wa mbere mwiza mw’isinzi ry’abantu bariko barorera inkino z’igikombe c’isi ziriko zibera muri Bresil. Axelle amaze iminsi yandikwa mu binyamakuru yongera avugwa hirya no hino. Umunsi aheruka, abarorerezi baje gushigikira igihugu c’Ububirigi asnzwe avukamwo, bamubwiye ko yakwiye isi yose avugwa, Axelle nawe n’ubwishime bwinshi aca aterera mu gahogo yiyaga ubwiza mu ruririmbo yise"("Waar is Axelle? Hier is Axelle!").
Yavugiye mu kinyamakuru "Het Laatste Niews" ati:"Abantu bose bashaka kwifotozanya nanje, ehe yemwe n’aba koreya bariko babinsaba. Birahimbaye cane, abantu baryoherrwa n’ubusa, rekA ndagacemwo kuko izi nkino zozo buca zirangira’’. Abikorera ivyabo batanguye gusaba Axelle ko yokwifotoza yambaye zimwe bita Bikini hanyuma bamushire ku bidandazwa vyabo ariko, Yves se wa Axelle yabisHuye ati:" Aho murihenda, umukobwa wanje ntameze nk’abandi, ivyo ntibimukanga, araciye ubwenge kandi aritonda’’.
Mwomenyako Axelle yagiye gushigikira abakinyi nserukira gihugu b’Ububirigi ahejeje ibibazo vy’amashuri y’isumbuye, inkuru nziza y’uko yamenye yamusanze aho muri Bresil. Ikindi gishasha kuri we, n’uko azoja ku bandaniriza ivyigwa vy’indimi i Californie muri Reta zunzUbumwe z’Amerika.
Cherif Nkeshimana
Messages
30 Ruheshi 2014, 21:56, par Jean de Dieu
Une belle fille du monde ne peut pas satisfaire tout le monde.Elle a sa beaute.Et c’est la bonte qui prime sur la beaute.
1er Mukakaro 2014, 07:29, par damien ndayishimiye
ava mugihugu cahe !
2 Mukakaro 2014, 17:10, par Muco
arasazwe caaane!!