Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bresil : Abashingamateka bemeje ko umukuru w’igihugu akurwa mu (...)
Bresil : Abashingamateka bemeje ko umukuru w’igihugu akurwa mu mabanga
lundi 18 Ndamukiza 2016, par
Abashingamateka barenga ibice bibiri vya gatatu bisabwa bemeje integuro y’itegeko ry’ugukura ku butegetsi umukuru w’igihugu wa Bresil Dilma Rousseff, akomoka mu mugambwe w’abakozi.
Iyo nteguro yemejwe ku majwi 367 ku 513, akaba yarenze bibiri vya gatatu bisabwa kugira integuro abashingamateka bemeje irungikwe mu nama nkenguzamateka, kugira ingingo ya nyuma abe ariho ifatirwa.
- Umukuru w’igihugu Dilma Rousseff w’imyaka 68 ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2010
Umukuru w’igihugu Dilma Rousseff w’imyaka 68 ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2010, akaba yagirizwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe ko yabeshe ku bijanye n’ibiharuro yatanze ku butunzi bw’igihugu, akagirizwa ko yabikoze kugira asubire gutorwa mu mwaka w’2014.

Imyiyerekano w’ukwiyamiriza uwo mukuru w’igihugu yafashe iyindi ntumbero muri Ntwarante, igihe yashinga amabanga akomeye uwo yasubiriye Luiz Inacio Lula da Silva, bikaba vyafashwe nk’ukumunyegeza ubutungane, kuko yari yatanguye gukorwako amatohoza akomeye ku vyaha vy’igiturire yagirizwa ko yakoze ku butegetsi bwiwe.
Bitegekanijwe ko kuva kuri uwu wa mbere ariho inama nkenguzamateka itangura gusuzuma namba uwo mukuru w’igihugu Dilma Rousseff yobogozwa, canke akaguma ku butegetsi.
Mu gihe yokomborwa, icegera ciwe, Michel Temer akaba ariwe yoca amukorera mu ngata, muri iki kiringo kizosozerwa mu mwaka w’2018.
IGIHE
Messages
18 Ndamukiza 2016, 15:00, par Intagoheka
Nibareke Nyenicubahiro Nkurunziza Yitwarire Kuko Uyomugore Numunyabwoba Ameze Nka Twisindumuja Natwimujeri Iwac Iburundi Butaduteranintambwe Nkurunziza Avec Tuo Les Bagumyabanga Inkona Ntiyaruzwa
18 Ndamukiza 2016, 15:13, par Intagoheka
Anani kimuni amerika Ubumwe Bwaburaya Pawa Michel Murinkamujeri Twisindumuja Ntantambwe
18 Ndamukiza 2016, 20:30, par Nibogora
Aba Perezida Bose Nibamwe Imana Yonyene Itabaris Nomuri Brezil Batunze Nitwa Nibogora Imuyinga