Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bresil : Abashingamateka bemeje ko umukuru w’igihugu akurwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bresil : Abashingamateka bemeje ko umukuru w’igihugu akurwa mu (...)

Bresil : Abashingamateka bemeje ko umukuru w’igihugu akurwa mu mabanga

lundi 18 Ndamukiza 2016, par egide

Abashingamateka barenga ibice bibiri vya gatatu bisabwa bemeje integuro y’itegeko ry’ugukura ku butegetsi umukuru w’igihugu wa Bresil Dilma Rousseff, akomoka mu mugambwe w’abakozi.

Iyo nteguro yemejwe ku majwi 367 ku 513, akaba yarenze bibiri vya gatatu bisabwa kugira integuro abashingamateka bemeje irungikwe mu nama nkenguzamateka, kugira ingingo ya nyuma abe ariho ifatirwa.

JPEG - 46.2 ko
Umukuru w’igihugu Dilma Rousseff w’imyaka 68 ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2010

Umukuru w’igihugu Dilma Rousseff w’imyaka 68 ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2010, akaba yagirizwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe ko yabeshe ku bijanye n’ibiharuro yatanze ku butunzi bw’igihugu, akagirizwa ko yabikoze kugira asubire gutorwa mu mwaka w’2014.

Imyiyerekano w’ukwiyamiriza uwo mukuru w’igihugu yafashe iyindi ntumbero muri Ntwarante, igihe yashinga amabanga akomeye uwo yasubiriye Luiz Inacio Lula da Silva, bikaba vyafashwe nk’ukumunyegeza ubutungane, kuko yari yatanguye gukorwako amatohoza akomeye ku vyaha vy’igiturire yagirizwa ko yakoze ku butegetsi bwiwe.

Bitegekanijwe ko kuva kuri uwu wa mbere ariho inama nkenguzamateka itangura gusuzuma namba uwo mukuru w’igihugu Dilma Rousseff yobogozwa, canke akaguma ku butegetsi.

Mu gihe yokomborwa, icegera ciwe, Michel Temer akaba ariwe yoca amukorera mu ngata, muri iki kiringo kizosozerwa mu mwaka w’2018.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.